Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Inkino \BB FOOTBALL
NAHIMANA Shassir niwe yarushije abandi mw’ihiganwa rya PRIMUS LEAGUE
Yanditswe taliki ya 23-06-2016 - isaha 19:33' na IGIHE

Umukinyi yambara nomero 10 mu murwi wa Vital’O FC, NAHIMANA Shassir niwe yatahukanye ikibanza ca mbere mu matora y’ukurondera umukinyi yarushije abandi bose mw’ihiganwa rya PRIMUS LEAGUE, umwaka w’2015-2016.

JPEG - 129.9 ko
NAHIMANA Shassir wa Vital’O

NAHIMANA Shassir yatowe mu kibanza ca mbere ku majwi 33, akurikirwa na ARAKAZA Mac Arthur (Vital’O FC) ku majwi 25, SHABANI Hussein (Vital’O FC) ku majwi 24, hamwe na Laudit MAVUGO (Vital’O FC) ku majwi cumi.

Uwo musatirizi wa Vital’O atahukanye ico kibanza mu gihe umurwi wiwe uriko witegurira urukino ruzowuhuza na Messager Ngozi, mu rukino rwa nyuma rw’ihiganwa ry’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu.

Urwo rukino ruzobera ku kibuga ca SOSUMO mu ntara ya Rutana kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 25 Ruheshi 2016, igihe c’isaha icenda z’umuhingamo.

Ivyiyumviro vyanyu

Uwomukinyi Afise Ibicindo Bingahe ?Hariho Umugwi Umurondera ?

6.07.2016 à 12:55
Minani Benjamen

Uwomukinyi Afise Ibicindo Bingahe ?Hariho Umugwi Umurondera ?

6.07.2016 à 12:54
Minani Benjamen

Felicitation shassir agapira urakazi nuko uvuka mu gihugu gikenye wagiye iburayi

24.06.2016 à 13:37
Musadja

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.