Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Neymar yinjiye mu murwi w’ibihangange vy’abakinyi muri Bresil - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Neymar yinjiye mu murwi w’ibihangange vy’abakinyi muri Bresil

Neymar yinjiye mu murwi w’ibihangange vy’abakinyi muri Bresil

vendredi 17 Gitugutu 2014

Umukinyi Neymar aherutse kwiyambika agateka mu kwinjiriza umurwi nserukira guhugu wiwe ibitsindo vyaheruka kuboneka mu mwaka w’i 2000. Yinjiye mu murwi w’abakinyi b’umurwi wa Bresil bamaze kwiniza ibitsindo vyinshi. Neymar aremeza ko Real Madrid itazokworoherwa mu rukino izokina na FC Barcelone.

Mu rukino rwa kivandimwe rwahuje umurwi nserukira gihugu wa Bresil batazira Selecao n’umurwi w’Ubuyapani, uwo wanyuma ugatsindwa ibitsindo 4-0. Ivyo bitsindo vyose vyinjijwe na Neymar wenyene. Yaciye ashirwa ku rurotnde rw’abakinyi bamaze kwnjiza ibitsindo vyinshi mu murwi nserukira guhugu wa Bresil kuva mu mwaka w’i 2000. Ku myaka 22, agiye mu bihangange 5 harimwo umukinyi na Bebeto na Romalio.

Mu gihe umurwi wa FC Barcelone Neymar akinamwo ufise urukino n’umurwi mukeba wawo Real Madrid, Neymar avuga ko Real Madrid itazokworoherwa kuko yemeza ko bafise umurwi mwiza. Neymar aremeza ko umukinyi Luis Suarez aherutse kugurwa avuye muri Liverpool ari umukunyi mwiza cane.

Mwomenya ko urukino ruri mu rutonde rw’inkino zirabwa n’abantu benshi ruzoba kw’igenekerezo rya 26 Gitugutu ku kibuga c’i Santiago-Bernabeu kiri mu gisagara ca Madrid.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.