IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Indero > Ni gute wotoza indero umwana utamukubise

Ni gute wotoza indero umwana utamukubise

jeudi 18 Ndamukiza 2013

Mu buzima bwa misi yose, tumenyereye kubona ko mu ngo nyinshi usanga batoza indero umwana barinze kumukubita. Ivyo bikaba vyibonekeza cane muri Afrika aho usanga umwana ategerezwa kwubaha abavyeyi canke aba musumba ku nguvu. Ariko, igikuru muri vyose,si kumukubita kugira yubahe.

Aho rero umuntu yoca yibaza ikibazo ati: ”Nimba bidakenewe gukubita umwana kugira ndamutoze indero,nobigenza gute?” Ng’izi impanuro nziza zikwiye kugira umwana atozwe indero mu buryo bwiza. Tuzisanga ku murongo ngurukanabumenyi y’aba quebecois :

1) Kugabisha ivyo umwana akeneye

Nk’akarorero, namba umuvyeyi yatwaye umwana wiwe kwa muganga bigasabwa ko bategerezwa kurindira muganga, umuvyeyi asabwa kugenda yibangikanije ibikinisho vy’umwana kugira ntakubagane canke ngo ayube ku bintu vyo kwa muganga. Bishitse naho ko uwo mwana yandika ku ruhome rw’inzu, mubuze utamukubise, umusigurire bukebuke, umwereke ko bacapa ku rupapuro apana ku ruhome. Gutyo azoheza abone iciza n’ikibi atarinze gukubitwa.

2) Ni murondere gutahura ibigumbagumba vy’umwana

Nimba umwana akubise mutoyi wiwe bavukana, nimwihutire kumubaza icatumye abikora, mugerageze no kumutahura mu buryo bwiyoroheje niho nawe azobona ko atahuwe agashobora kuvuga ikiri ku mutima batamukankamiye.

3) Hindure ikibanza

Ng’ico ikintu coroshe kugira muhindure umwana. Akarorero,umwana ashobora kuba akubagana, akama asanzaza ibintu aho mwabishize, ari nk’ibikinisho vyiwe akama avyandagaza mu gikoni, muri ico gihe, n’uko mwogerageza guca mibishira aho adashika kugira mumwereke ko ikintu cose gitegerezwa kuba mu kibanza caco nawe azoheza abone ico mwashatse kumwereka.

4) Ni mwereke umwana wanyu uko mushaka ko yifata

Nimba umwana wanyu akunda gukwega umurizo w’akayabu mu kugakinisha, ni mumwereke uko yokwigenza mu gukinisha ako kayabu mu buryo bwiza. Mu bimwereke mukoresheje ibimenyetso kuko amajambo yonyene adakwiye kugira amenye ico mushaka ko yokora.

5) Ni mumuhe ivyahitamwo kurusha kumuha amategeko

Ni mugufata ingingo umwana akerebuka, kandi akura mu mutwe. Amategeko azana kutumvikana hagati y’abantu kuko atuma haba kurwanya ubutegetsi. Uri umuvyeyi, gerageza kubwira umwana wawe muri ano majambo: ”Ushaka kwiyugumura imbere yuko wambara impuzu zo kuryamana canke inyuma yaho?”. Ni mugire umwumvikano. Ushobora kubwira kandi umwana muri buno buryo: ”Ko mbona urushe uno mugoroba,ndakuretse ntiwiyugumure amenyo yawe.”

6) Bishoboka,ni mureke umwana yibonere ingaruka y’ivyo azoba yakoze wenyene

Ntimumufashe cane. Nk’akarero, iyo atanikiye impuzu yari yambaye zikanye, canke impuzu yo kwihanaguza, azovyambara bikanye uko nyene bukeye. Mu gihe akiri mu minwe yanyu, akaguma abatera imigere, ni mumubwire ko abababaza. Mu gihe akiri umwana muto wo guterurwa, ni mumwicarike hasi hama mumuhe ivyo aba arakinisha. Nimwihutire kandi kugumbira umwana wanyu, gutyo nimba yari umwana w’akanyaro, anakubagana cane, azoheza yicishe bugufi, asohore mu kuvuga n’ivyo vyose vyari bimubakiye ku mutima.

7) Ni mwiyumvire ico murindiriye ku bana banyu

Kenshi mu buzima busanzwe,usanga abana bakerebutse, bashaka kumenya utuntu twose, bashaka kuronka ibintu vyose kandi mu maguru masha. Usanga batagira ukwihangana, bagatinya cane bakaba ari n’abagunge muri vyose, buzuye ishaka ryinshi. Muri ivyo vyose bidondaguwe, abavyeyi bari bakwiye kuvyirengagiza, bagatahura abana babo no mukubakira uko nyene baba bameze.

Kuri izo mpanuro zose duhejeje kubona, vyari bikwiye ko mu bihugu vyose hari hakwiye kuhagarikwa ihohoterwa ry’abana. Mu kwibaza ko gutoza indero umwana bisaba kumuhohotera ubuzima mu gukubitwa n’uwarakwiye kumutoza indero mu buryo bwiza.
Kubw’amakuru dukesha umurongo ngurukanabumenyi http:// monsite.wanado.fr/olivier.maurel.

Ibihugu vyo muri Afrika kiretse igihugu ca Somaliya, vyarashizeko umukono ku masezerano ajanye n’agateka k’abana, aho mbere itegeko rya 19, riha amategeko ibihugu « gukingira abana kuri ivyo vyose vyoza bihohotera ubuzima bwabo. »

Kugira amabi akorerwa abana ahagirikwe neza, ni vyiza ko abigeze kuhohoterwa ubuzima bwabo bakiri bato, bovuga ivyabashikiye bakiri bato maze abandi babikora babonereho icirwa.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.