Accueil > Inkino > FOOTBALL > Nigeria yaronse amahirwe yo kuzoja mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi (...)
Nigeria yaronse amahirwe yo kuzoja mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose
dimanche 17 Munyonyo 2013
Nigeria yabaye igihugu ca mbere co muri Afrika, inyuma ya Cote d’Ivoire, catsindiye kuzoja mu nkino za nyuma zo guhiganirwa igikombe c’isi yose mu mupira w’amaguru kizabera muri Brezil mu mwaka uza.
Mu rukino rwariko ruberaga i Calabar muri Nigeria, umurwi nserukiragihugu wa Nigeriya "Super Eagles" watsinze Ethiopia ibitsindo 2 ku busa, mu rukino rwo gusubira.
Urukino rwatanguye, Nigeria yari yatsinze ibitsindo bibiri ku busa bwa Ethiopia, vyose hamwe bikaba vyaciye bikwiza ibitsindo 4 ku busa.

Nigeria ikurikiye Cote d’Ivoire imaze kunganya na Senegal igitsindo 1 ku kindi, ariko Cote d’Ivoire ica ironka uburenganziza bwo kubandanya kuko yari yatsinze ibitsindo 3 kuri kimwe mu rukino rwa mbere.
Kuri uwu w’Imana niho bitegekanijwe ko Cameroon ihava ikina na Tunisia, naho kuwa kabiri Misiri ikine na Ghana mu gihe Algeria izohangana na Burkina Faso.
Ku mirwi nserukira bihugu 32 yitezwe mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose kizobera muri Brezil, 23 iramaze kumenyekana ku migabane yose, yaba uburaya, afrika na asiya, nayo niyi ikurikira : Pays-Bas, Italie, Belgique, Suisse, Allemagne, Espagne, Angleterre, Russie, Bosnie, Japon, Australie, Iran, Corée du Sud, Brésil, Argentine, Colombie, Chili, Equateur, États-Unis, Costa Rica, Honduras.
Egide Nduwimana