IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > NSA yatanze imiliyoni y’amadorare ku mirongo ngurukanabumenyi (...)

NSA yatanze imiliyoni y’amadorare ku mirongo ngurukanabumenyi ikomeye

samedi 24 Myandagaro 2013

Igisata kijejwe umutekano muri Leta nzuze ubumwe za Amerika, NSA mu congereza, yatanze imiliyoni z’amadorari y’abanyamerika ku murongo ngurukanabumenyi wa Google, Microsoft na Yahoo kugira bashobore gukoresha ubuhinga bushasha no kumenya abanyamerika baba mu gihugu. N’ibishikirizwa n’ikinyamakuru The Guardian, mu nkuru yarungikiwe n’uwahoze ari umuhinga wa NSA, Edward Snowden.

Kubw’ishirahamwe Yahoo itegeko rigenga ibihugu bigize Leta zunze ubumwe za Amerika ritegeka Leta y’abanyamerika, gushumbusha iyo mirongo ngurukanabumenyi mu gihe iyo mirongo itegerezwa guhindura intonde z’ibikorwa vyayo kugira bashike ku mategeko asabwa.

Umurongo ngurukanabumenyi Microsoft nawo urabivugako. Google nayo, ivuga ko itarigera ija mu ntonde y’abanyamerika yo gusuma urusaku Prism nubwo ishirahamwe ryadomweko urutoke mu rwandiko rwa NSA, nk’uwutanga uburyo.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.