IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Papa Francisko : Ubwigenge bwo gusohora ivyiyumviro ntaho bihuriye no (...)

Papa Francisko : Ubwigenge bwo gusohora ivyiyumviro ntaho bihuriye no gutukana

vendredi 16 Nzero 2015

Inyuma y’ivyagiye bivugwa ku bwicanyi bwakorewe abamenyeshamakuru ba Charlie Hebdo, papa Francisko asaba abantu kwubaha ukwemera kw’abagenzi babo, ku bwiwe ubwigenge bwo gusohora ivyiyumviro si ugutuka mugenza we.

Mu gihe yariko agendera ingoro y’aba bouddhiste iri i Colombo kuwa 14 Nzero uno mwaka, umwungere wa Ekleziya Katolika , Papa Francisko , amenyesha ko nawe arashigikiye ubwigenge bwo gusohora iciyumviro c’umuntu umwe umwe wese , ariko avuga ko ico adatahura ari ukuntu abantu baca baja ngaho bagatuka idini rya mugenziwe.

Mu kugira abahe igicapo c’ivyo yarahejeje kubashikiriza , yabwiye abamenyeshamakuru mu gihe umwunganizi wiwe yohirarira akavuma nyina yavyae papa Francisko , ata kindi yowkitega atari kumukubita ingumu.
Agira ati ntimwari mukwiye gusotora abandi, eka mbere ntimwari muwkiye no gusuzugura no gutuka ivyizerwa vy’abagenzi banyu, ntimushobora gusuzugura ukwizera kw’ abandi.

Papa Francisko avuga ko hari hakwiye kugira aho umuntu agarukiza mu kuntu umuntu afata ivyizerwa vy’abandi. Kuri abo bantu bose bavuga nabi amadini y’ababagenzi babo, batwenga abandi, bafata amadini y’abandi nk’agatwenza, n’ubwo ari agasotorano , ibintu bitegerezwa kugenda nka kurya n’ababwiye mu gihe umwunganizi wanje yohirahira agatuka mama yamvyaye niko abandanya ashikiriza. Hari ho aho umuntu ageza , idini ryose rikwiye kubahiriza abandi.

Ku rubuga ngurukanabumenyi , abenshi baranditse ngo :’’Je suis charlie’’ mu ntumbero yo gushigikira ikinyamakuru Charlie Hebdo giheruka guhura n’ingorane hamwe n’ubwigenge bwo kumenyeshamakuru, bose ni benshi cane gusumvya abanditse bati ‘’je ne suis pas charlie’’, abo nabo ari ba bandi bifuza ko hoba itandukaniro hagati y’ubwigenge bwo gusohora ivyiyumviro hamwe no gusotorana canke gutuka amadini ya bagenzi babo.

Kubuza kugurusha ikinyamakuru Charlie Hebdo hamwe n’ikinyamakuru Libération mu gihugu nka Senegal bisigura vyinshi cane nk’uko abandanya abivuga. Kugira ubwigenge ni vyiza ariko ntawoca atwenga vyose ,ngo anasuzugure vyose ?


Floxella Karire

Messages

  • NIZEREKO ABAKUNDA GUTEMBERERA URURUBUGA RWA IGIHE MUCAMUBONAKO IBI UMUNGERE WA EKLEZIYA CATHOLIC AVUZE VYUKO UBURENGANZIRA DUFISE BWOKUVUGA ATAHOBUHURIYE NOGUTUKANA, AHORERO MUCEMWIBUKA IVYOMAZE IMISI MPANURA UWITWA NWARI KO GUTANGA IVYIYUMVIRO ARIVYIZA ATARIKO GUTUKANA NTACOBIMAZE NARANAMUBWIYEKO JEWE NTANKA NWARI ATARIKO NANKA IBITUTSI AKUNZE KUVUGA. UYUNWARI YARIGEZE GUTUKA ABATARIBAKE IBITUTSI VYAGAHOMERABUNWA AHEREYE KUMUKURU WIGIHUGU CUBURUNDI DUFISE UYUMUSI, YONGERA ATATUKA UWUSERUKIRA IMBERE YAMATEGEKO UMUGAMBWE UPRONA UYUMUSI UMUPFASO CONCILLIA NABANDI NTADONDAGUYE NDAZIKWABASOMYI BIKIKINYAMAKURU IVYOMVUZE BARABONAKO ATARUKUBESHA.

  • Ndashimiye cane umukuru wa eglise catholique ivyo vyerekana ko yubaha Imana yiwe kandi hari hakenewe kumenya itandukanirizo rya liberté d’opinion et incitation àla haine kuko droit au plashème envers Jesus-Christ,
    Mohamet,et autres signifie incitation àla haine dans les milieux musulmans et envers tous ceux qui ont du respect envers leur Dieu il est vraie que atawoshigikira ubwicanyi mugabo ndashigikiye ko Imana yohabwa icubahiro mu bamenyeshamakuru.

  • Ariko nkuwigira umwungere kwatatomoye neza uwuri mukuri uwariwe,yezu harageze aho abwira abafarizayo ko arinryarya,kandi yazira ko yabafukuye agahuzu,harakenewe muri kino gihe abavuga mwizina icaha.

  • Hahahha!! Niho rero nkitangara! Umwungere w’Ekleziya Cathilica ku mpanuro atanze ninziza! Ariko rero nshaka kumenya isano riri hagati ya Boudhisim n’Ekleziya ko tuzi ko BOUDHA ari ikigirwana basanzwe basenga, hanyuma nawe akaba yari yakigendeye! None yoba yariko abahanura guheba gusenga ico gishushanyo!! Aba katolica munyishure nimba haruwoba arico abiziko!!

  • nyenubweranda komera mumabanga yawe imana ikuj imbere

  • Yemwe-yemwe nimumfashe gutahura : Nyakubahwa Umwungere wa Katholika avuze ati uwohirahira agatuka umuvyeyi wiwe yoca amushishura ingumi??? am sorry ndamwubaha ariko kuriri jambo sindamushigikiye nabuhoro.’’objection’’ Nyakubahwa Papa ashigikiye theorem ’y’iryinyo kurindi,ijisho kurindi.... Yezu yavuze ngo ’’UGUHORA NI UKWANJE’’ en plus sinumva ingene abakirisu aserukira bobona ayo bariko barabona hama Nyakubahwa Papa ntabwire aba isiramu kureka kwica noguturira amasengero naho boba babacokoje....ariko akavuga ngo ugututse kubita ingumu.ahubwo ugututse umenya yuko akiri muto cane muvyokumenya Imana noneho ukamusengera hama Imana ikamenya ingene imwitwararika. ijambo ry’Imana ridusaba ibintu bitoroshe..."gukunda abansi bacu" c’pas recreation!!!

  • quaranta anni comincia la vita.viva la vita.viva di roma.viva vaticano.viva papa francisko.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.