IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Papa yahagaze cane ku turere turimwo intambara mu kuninahaza (...)

Papa yahagaze cane ku turere turimwo intambara mu kuninahaza Noel

jeudi 26 Kigarama 2013

Mw’ijambo ryiwe yashikirije abakirisu ku munsi wa Noel, umwungere wa Ekereziya Katorika Papa Francisko yagarutse cane ku turere dusinzikajwe n’intambara, muri iyi minsi.

Mu gihe ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 25 Kigarama, isi yose yariko ihimbaza ivuka ry’umukiza yezu Kirisu, Papa Francisko mw’ijambo ryiwe yahagaze cane ku turere dusinzikajwe n’intambara. Yasavye impande zihanganye muri Syria kureka imfashanyo igashikira abayikeneye. Papa yasavye kandi ko indwano yo hagarara muri Sudani y’Epfo. Yasavye kandi abategetsi batandukanye bo kw’isi kwibanda cane ku kibazo co muri Centre Afrika, avuga ko ico gihugu cirengagijwe kenshi.

Papa Francisko abandanya avuga kuvyerekeye amajana y’abimukira babanya Eritreya basomye nturi bashitse ku nkengera z’Ubutariyano kw’izinga rya Lampedusa mu kwezi kwa Gitugutu, yavuze ko ahagaritswe umutima n’abashira ubuzima bwabo mu mazi bibaza ko bariko barondera ubuzima bwiza.


Floxella Karire

Messages

  • PAPA NABANDI BATEGETSI BATWARA ISI BAKWIYE KUMENYA KO IBIGU BIMEREWE NABI GUSUMBA IBINDI ATARI IBIRIMWO INTAMBARA GUSA.INTWARO MBI ISUMBA INTAMBARA KUBAZA.KUMUTIMA NUMUBIRI INTAMBARA NINTAMBWE ABABAYE NABI BABA BATEYE.KANDI BABE BIBUKA CANE IBIHU BITO KANDI BIKENY NKUBURUNDI.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.