Pierre Emerick Obameyang yatowe nk’umukinyi yigenjeje neza muri Afrika

Yanditswe na IGIHE
Kuya 8 Nzero 2016 saa 01:12
Yasomwe : 6903
0 0

Umukinyi ava mu gihugu ca Gabon akainira umurwi wa Borussia Dortmund mu Budagi, Pierre-Emerick Aubameyang, niwe yatsindiye agashimwe k’umukinyi w’umunyafrika yigenjeje neza mu mwaka w ‘2015.
Mu guhiganirwa ako gashimwe gatangwa n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika, Pierre-Emerick Aubameyang yagahiganirwa na Yaya Toure hamwe na Andre Ayew.
Aubameyang yatsinze n’amajwi 143 y’abamenyereza n’abahinga batandukanye bava mu bihugu biri mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa (...)

Umukinyi ava mu gihugu ca Gabon akainira umurwi wa Borussia Dortmund mu Budagi, Pierre-Emerick Aubameyang, niwe yatsindiye agashimwe k’umukinyi w’umunyafrika yigenjeje neza mu mwaka w ‘2015.

Mu guhiganirwa ako gashimwe gatangwa n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika, Pierre-Emerick Aubameyang yagahiganirwa na Yaya Toure hamwe na Andre Ayew.

Aubameyang yatsinze n’amajwi 143 y’abamenyereza n’abahinga batandukanye bava mu bihugu biri mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika.Yaya Toure yabaye uwa kabiri ku majwi 136, Andre Ayew aronka amajwi 112.

Pierre Emerick Aubameyang gushika ubu niwe amaze kwinjiza ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa ry’Ubudagi,aho amaze gutsinda ibitsindo 18 mu nkino 17 gusa.

Mw’ijambo ryiwe, Aubameyang yashimiye cane Umukuru w’Igihugu avukamwo ca Gabon, Ali Bongo Ondimba, umuryango wiwe n’abakinyi bakinana.


Kumenyekanisha

1
Leonce Tuyikeze 16-01-2016 à 12:31

Urakomera Kumupira

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha