Accueil > Inkino > FOOTBALL > Primus League : Zimwe mu nkino zasibijwe
Primus League : Zimwe mu nkino zasibijwe
jeudi 11 Ruhuhuma 2016, par
Mu mpera z’ino ndwi, hategekanijwe inkino zibiri imirwi ya Vital’O na Athletico Olympic izoserukamwo. Iyo mirwi yompi yafashe ingendo zerekeza mu bihugu vya Lesotho na Iles Comores. Zimwe mu nkino iyo mirwi ibiri yari kuzokina muri Primus League zasibijwe.
Mw’ihiganwa rya Primus League, vyari bitegekanijwe ko umurwi wa LLB Sports4Africa uhura na Athletico Olympic, Muzinga nayo igahura na Vital’O. Izo nkino zompi zashizwe kw’isango rizomenyeshwa hanyuma.
Kuri uwu wa gatandatu, abakinyi ba Athletico Olympic basanzwe bari mw’ihoteri Mohori muri îles Comores, bazokina n’umurwi wa Fomboni FC wo muri ico gihugu, mu nkino za (Conféderation).
Umurwi wa Vital’O nawo ku munsi w’Imana uzoba uriko ukina na Lioli FC yo muri Lesotho, mw’ihiganwa ry’imirwi yabaye iya mbere mu bihubu vyayo. Abakinyi ba Vital’O bakaba buriye indege ibashikana muri Lesotho kuri uwu wa kane.
Ihiganwa rya Primus League rizobandanya i Bujumbura
Ku munsi waryo ugira uwa 22 kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 13 Ruhuhuma 2016, imirwi izohiganwa uku gukurikira :
Isaha icenda
Olympic Star na Messager Ngozi (bazokinira i Muyinga)
Les Eléphants na Olympic de Muremera (bazokinira i Bubanza)
Aigle Noir na Flambeau de l’Est (bazokinira i Makamba)
Nyanza United na Les Crocos FC (bazokinira i Magara)
Isaha icumi
Bujumbura City na Inter Star (bazokinira ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore)
Ku munsi w’Imana igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2016 (Isaha umunani)
Messager Bujumbura na Les Jeunes Athlétiques (bazokinira ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore)
IGIHE