Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Primus League : Zimwe mu nkino zasibijwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Primus League : Zimwe mu nkino zasibijwe

Primus League : Zimwe mu nkino zasibijwe

jeudi 11 Ruhuhuma 2016, par egide

Mu mpera z’ino ndwi, hategekanijwe inkino zibiri imirwi ya Vital’O na Athletico Olympic izoserukamwo. Iyo mirwi yompi yafashe ingendo zerekeza mu bihugu vya Lesotho na Iles Comores. Zimwe mu nkino iyo mirwi ibiri yari kuzokina muri Primus League zasibijwe.

Mw’ihiganwa rya Primus League, vyari bitegekanijwe ko umurwi wa LLB Sports4Africa uhura na Athletico Olympic, Muzinga nayo igahura na Vital’O. Izo nkino zompi zashizwe kw’isango rizomenyeshwa hanyuma.

Kuri uwu wa gatandatu, abakinyi ba Athletico Olympic basanzwe bari mw’ihoteri Mohori muri îles Comores, bazokina n’umurwi wa Fomboni FC wo muri ico gihugu, mu nkino za (Conféderation).

Umurwi wa Vital’O nawo ku munsi w’Imana uzoba uriko ukina na Lioli FC yo muri Lesotho, mw’ihiganwa ry’imirwi yabaye iya mbere mu bihubu vyayo. Abakinyi ba Vital’O bakaba buriye indege ibashikana muri Lesotho kuri uwu wa kane.

Ihiganwa rya Primus League rizobandanya i Bujumbura

Ku munsi waryo ugira uwa 22 kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 13 Ruhuhuma 2016, imirwi izohiganwa uku gukurikira :

Isaha icenda

Olympic Star na Messager Ngozi (bazokinira i Muyinga)
Les Eléphants na Olympic de Muremera (bazokinira i Bubanza)
Aigle Noir na Flambeau de l’Est (bazokinira i Makamba)
Nyanza United na Les Crocos FC (bazokinira i Magara)

Isaha icumi

Bujumbura City na Inter Star (bazokinira ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore)

Ku munsi w’Imana igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2016 (Isaha umunani)

Messager Bujumbura na Les Jeunes Athlétiques (bazokinira ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore)


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.