IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Reta isaba abarundi kugabanya imvyaro

Reta isaba abarundi kugabanya imvyaro

dimanche 2 Kigarama 2012

Icegeranyo co mu 2012 kw’igwirirana ry’abantu kw’isi carashikirijwe icese n’umupfasoni w’umukuru w’igihugu Dénise Nkurunziza, arikumwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu n’ukurwanya sida Muganga Sabina Ntakarutimana.

Igihe ico cegeranyo cashirwa ahabona hari kandi n’uwuserukira hano mu Burundi ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho igwirirana ry’abantu kw’isi UNFPA, uwuserukira ishirahamwe rya Bulaya mu Burundi Stpehane De Loeker hamwe n’umunyamabanga mukuru w’i gisagara ca Bujumbura.

Ico cegeranyo cakozwe n’ishirahamwe UNFPA ni ngirakamaro. Kizofasha mu gufata ingingo zibereye mu bijanye n’igwirirana ry’abantu. Icivugo c’uwu mwaka ni: " Guhitamwo kurondoka ku rugero ni uburenganzira ku muntu wese no kw’iterambere"
Mw’ijambo ryiwe, umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya sida muganga Sabina Ntakarutimana yamenyesheje ko naho hari ibimaze gukorwa, mu Burundi intambwe ikiri ndende mu bijanye no kuringaniza imvyaro. Ngo mu myaka y’ 2000 n’ 2011, igwirirana ryariyongereye hagati y’ibice 2,7 na 21,9 kw’ijana ari co gituma u Burundi bwihaye intumbero yo kuba bugeze kubice 40 kw’ijana mu 2015.
Reta yifuza ko kugera mu mwaka w’2025 ku muvyeyi, imvyaro zova kuri 6 zikaja kuri 3. Muganga Sabina Ntakarutimana avuga ko ivyo kubishikako hari vyinshi bikenewe gukorwa, ari naco gituma atera akamo abafasha ko boshigikira reta muri uwo mugambi wo kugabanya imvyaro.

Mu majambo abaserukira ubumwe bwa Bulaya na UNFPA bashikirije, baremeje ko bagiye kubandanya bafasha reta mu vy’irondoka rijanye n’amagara meza. UNFPA yiyemeje gutanga uburyo n’ibikoresho vya nkenerwa mu bijanye no kuringaniza imvyaro mu mayakiriro y’abavyeyi akwiragiye mu mavuriro ari mu Gihugu.

Naho biruko abavyeyi benshi baracafise imigenzo ivuga kokuvyara abana benshi ari itunga. Reta isaba amasengero gufasha mu nyigisho atanga ko abantu bomenya umwana ategerezwa kwitabwho non guhabwa indero mu mashure, gutyo bamenye ko kuvyara abana benshi bisaba uburyo hanyuma bagabanye imvyaro bashike kuri 3 gusa gushika mu mwaka w’2015.

Amashirahamwe yigenga asaba reta gushiraho itegeko rivuga abana ntarengwa umuryango wovyara.


Ndayikengurutse Jean Michel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.