IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakunzi b’inkino na FFB ntibabona kumwe ibikorwa vya Ait Ahcene (...)

Abakunzi b’inkino na FFB ntibabona kumwe ibikorwa vya Ait Ahcene Abdelmalek

vendredi 20 Munyonyo 2015, par egide

Mu gihe abakinyi b’INTAMBA MU RUGAMBA biteguriye urukino rwa mbere ruzobahuza kuri uwu wa gatandatu na Zanzibar mu nkino za CECAFA CHALLENGE CUP 2015, Reveriyano NDIKURIYO asigura ko abo bakinyi batajanye n’umumenyereza Ait Ahcene Abdelmalek kuko ari mu karuhuko.

Mu butumwa yanditse ku muhora wa facebook, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, Reveriyano NDIKURIYO yamenyesheje ko umumenyereza w’INTAMBA MU RUGAMBA Ait Ahcene Abdelmalek yagiye mu Budagi kugira impapuro ziwe zongezwe umwanya, yongere yitabire ivyigwa biteguriwe abamenyereza vyatunganijwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Budagi.

Mu gihe uwo mumenyereza Ait Ahcene Abdelmalek amaze iminsi yidogerwa n’abakunzi b’umupira w’amaguru ko yoba atarangura neza akazi ashinzwe, bikaba vyatumye n’Uburundi busezererwa incuro zibiri bwikurikiranya mu mwiteguro y’ukurondera imirwi izokwitaba inkino za CHAN n’iz’igikombe c’isi yose, Reveriyano NDIKURIYO amenyesha ko Ait Ahcene Abdelmalek ata ngorane afitaniye n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, kandi ko arangura neza amabanga ashinzwe, akurikije ivyo yasabwe.

JPEG - 27.6 ko
Ait Ahcene Abdelmalek, umumenyereza w’Intamba mu rugamba

Reveriyano NDIKURIYO muri ubwo butumwa agira ati : « Ntihagire abibaza ko mu murwi nserukiragihugu hazosubira kubamwo akajagari gatewe n’ukubura indero kw’uyu canke uriya. »

Ku bwiwe, abantu bararekuriwe kuvuga ico biyumvira mugabo umwe wese arafise aho atangurira n’aho ageza mu gufata ingingo.

Tubibutse ko urukino rwa mbere rw’Uburundi muri CECAFA CHALLENGE CUP 2015 rwitezwe kuri uwu wa gatandatu kw’igenekerezo rya 21 Munyonyo, rukazohuza Intamba mu rugamba n’umurwi nserukiragihugu wa Zanzibar. Uwo murwi waherekejwe na Niyungeko Olivier batazira Mutombola, akaba ari icegera ca Ait Ahcene Abdelmalek.

Abakina mu Burundi mu Burundi batumweko :

Arakaza Mac Arthur (Vital ‘O)
Biha Omar (Vital ‘O)
Nshimirimana David (Vital ‘O)
Rugonumugabo Stephane (Vital ‘O)
Kiza Fataki (Vital ‘O)
Hakizimana Issa (Vital ‘O)
Duhayindavyi Gael (Vital ‘O)
Nahimana Shassir (Vital ‘O)
Barenge Pistis (Vital ‘O)
Niyonkuru Nassor (Vital ‘O)
Mavugo Laudit (Vital ‘O)
Ndikumana Yussuf (LLBS4 Africa)

Abakina hanze :

Nizigiyimana Abdoul Karim (Gor Mahia du Kenya)
Ndayisenga Fwadi (Sofapaka du Kenya)
Tambwe Amissi (Young Africans de la Tanzanie)
Kavumbagu Didier (Azam FC de la Tanzanie)
Kwizera Pierre (Rayons Sports du Rwanda)
Cédric Amissi (Chibuto FC de Mozambique)
Nduwarugira Christophe (Chibuto FC de Mozambique)
Nzokira Jeff (Djibouti Telecom de Djibouti)

Uburundi buri kumwe na Ouganda, Kenya na Zanzibar mu murwi wa kabiri (Groupe B)


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.