Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Saidi Ntibazonkiza yaronkeje intsinzi umurwi wiwe : Amafoto - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Saidi Ntibazonkiza yaronkeje intsinzi umurwi wiwe : Amafoto

Saidi Ntibazonkiza yaronkeje intsinzi umurwi wiwe : Amafoto

lundi 1er Ruhuhuma 2016, par egide

Umukinyi rurangiranwa Saidi Ntibazonkiza yahoze ari kizigenza w’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi, ubu akaba akinira umurwi wa SM Caen wo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Ubufaransa, yaronkeje intsinzi umurwi, akaba ryari ribaye irya mbere yizewe agatanguzwa mu kibuga kuva agiye muri uwo murwi mu mwaka uheze.

Mu gihe yari agitera umukono ku masezerano amuhuza n’umurwi SM Caen, Saidi Ntibazonkiza yarakomeretse, ari navyo vyatumye amara indwi zitari nke ataja mu kibuga. Mu rukino rw’abahuje n’umurwi wa Nice ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana ku kibuga c’umurwi SM Caen wa Ntibazonkiza, umumenyereza yaramwizeye amutanguza mu kibuga, uwo murwi wiwe uca wirahira Nice ibitsindo bibiri ku busa.
Igitsindo ca kabiri ca SM Caen cinjijwe kuri penalty yatanzwe bivuye kw’ikosa ryakorewe Saidi Ntibazonkiza, umusatirizi wa SM Caen yambara inomero 10.

Amafoto


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.