Accueil > Inkino > FOOTBALL > Saido Berahino ashinzwe ijisho n’imirwi ishaka kumugura
Saido Berahino ashinzwe ijisho n’imirwi ishaka kumugura
mardi 10 Ntwarante 2015
Umukinyi Saido Berahino ashinzwe ijisho n’imurwi wa Manchester United na Totthenam igomba kumugura. Bivugwa ko yoba amaze kuja ku rutonde rw’abakinyi umurwi Manchester United ugiye kuzogura .

Saido Berahino, umukinyi w’umurundi ariko areshwa n’imirwi ya Manchester United na Totthenam. Amakuru atangwa n’ikinyamakuru Mail Online avuga ko mu ntumbero yo kunagura Manchester United, umumenyereza Louis van Gaal, yamaze gushira Saido BERAHINO ku rutonde rw’abakinyi umurwi ushaka kuzogura.
- Saido yasa n’uwubabajwe n’urukino
Ayo makuru ariko avugwa mu gihe Saido BERAHINO yari ku kibuga ca Old Trafford kuraba aho Arsenal itsinda Manchester United 2-1, mu nkino z’igice ca kane gishira ica nyuma za FA Cup.

Saido BERAHINO akina mu murwi West Bromwich amaze igihe avyifatamwo neza muri uwo murwi, eka no mu murwi nserukira gihugu w’Ubwongereza. Mu murwi wa West Bromwich Albion, Saido BERAHINO amaze kwinjiza ibitsindo 18, hamwe na 3 amaze kwinjiza mu murwi nserukira gihugu w’Ubwongereza, mu bakinyi bafise munsi y’imyaka 21.
- Saido yoba yarashigikiye Manchester United kubera yagiye urukino rutarahera
Cherif Nkeshimana
Messages
5 Ndamukiza 2016, 19:59, par Schadrack Ndayiramukije
No Nuwomukinyi Yaremeye Kuva Mwiyokiparimwo Nashakakubaza Nikuki? Atakinirigihugu Camwibarutse Kikamushikana Ahagezubu Nikuki?