Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Inkino \BB FOOTBALL
Saido Berahino ashobora gukinira chelsea
Yanditswe taliki ya 20-01-2016 - isaha 10:59' na IGIHE

Umukinyi ava mu gihugu c’Uburundi Saido Berahino ashobora kuja gukinira umurwi wa Chelsea,inyuma yaho aronderewe n’imirwi ya Manchester United, Liverpool,Arsenal na Manchester City.

Ikinyamakuru 90min.com kimenyesha ko Saido Berahino ashobora gutahukira umurwi wa Chelsea kuko usanzwe ufise ibibazo vy’umusatirizi,kandi baguma batsindwa n’imirwi bahuriye mw’ihiganwa ry’Ubwongereza.

Umumenyereza mushasha wa Chelsea Guus Hiddink amenyesha ko mu gihe vyitezwe igurwa n’igurishwa ry’abakinyi muri uku kwezi,bategerezwa kuba baronse umusatirizi kuko abo bari basanganywe bakomeretse.

Guus Hiddink yavuze ko asigaranye umukinyi umwe gusa nk’umusatirizi Loic Remy uwo nawe akaba atamwemeza neza ko ashobora kugira ico afashije umurwi wa Chelsea.

Amakuru dukesha ico kinyamakuru nyene 90min.com amenyesha ko Saido Berahino ashobora kuba yashitse muri chelsea mu ntango z’ukwezi kwa 2 kw’igenekerezo rya 3.

Ivyiyumviro vyanyu

nakomerezaho

2.07.2016 à 23:41
juvenari

Courage musore wiwacu

31.01.2016 à 06:30
bemba

Nukuri Namashimwe Kubona Barashimwe Umu Str Nka Saido Ndamwipfurije Amahigwe Nimigisha Nkamusaba Gushimira Imana Nokwifataneza Munkino

24.01.2016 à 23:43
TUYIKEZE Franck

Star Fc Yamagara Ivyifatamwo Gutemwihiganwa Ryomuburundi ?

24.01.2016 à 23:01
John

Nivyiza Nuburundi Twoharonkeqa Akunguko Kubona Umustal Nka Saido Agiye Gukinira Umurwi Ukomeye Nkurya Namateka

23.01.2016 à 07:01
Munezero

Nivyiza Ndamwipfurije Umugisha. Nabandi Nibaze Bitangankawe Bajagupagasa. Akanyokataguruts Ntikamenya Iyobweze.

21.01.2016 à 21:03
Mukurarinda

Nivyiza Ndamwipfurije Umugisha. Nabandi Nibaze Bitangankawe Bajagupagasa. Akanyokataguruts Ntikamenya Iyobweze.

21.01.2016 à 21:01
Mukurarinda

TUNAMU PONGEZA SAAANE UYO KIJANA WETU NA SISI WAPENZI WA CHEALSIA

21.01.2016 à 09:15
79486020

Ivyo nivyiza nkumukinyi saido berahino numusatirizimwiza

21.01.2016 à 07:38
niyibigira eric

Abarundi turashoboye nuko ababirigi batubangamiye ubundi turabagabo muri portique kurugamba inkino turibabitumwako muri vyose. Ni harambe Ububurundi na barundi na cane cane Nyenicubahiro umukuru wigihugu cacu c’Uburundi kuko ariwe vyose tubikesha. IMANA imuhangaze.

20.01.2016 à 15:56
Nsengiyumva Bernard

Iyo nkuru ntihari bwagere ko ishikirizwa. Mwari kurindira mukatumenyesha yasinye contrat.

20.01.2016 à 14:12
NDC

Imana ibandanye imuja imbere kuko abandanya atera iteka igihugu ca mwibarutse.mugabo azobandany akinira umugwi wacu nserukira gihugu dukunda cane.turagukeje abarundi Bose kuri niyo ntambwe muteyeko.

20.01.2016 à 11:52
ntezi bernard

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.