IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Saido NTIBAZONKIZA ntiyatumweko kwitegurira umurwi wa RDC

Saido NTIBAZONKIZA ntiyatumweko kwitegurira umurwi wa RDC

mardi 3 Munyonyo 2015, par egide

Ku rutonde rw’abakinyi umumenyereza w’INTAMBA MU RUGAMBA Ait ABDELMALEK Ahcene yatumyeko kugira bazoserukire Uburundi mu rukiho rwa mbere ruzobahuza n’umurwi nserukiragihugu wa RDC, umusatirizi Saido NTIBAZONKIZA asanzwe akina mu gihugu c’Ubufaransa mu cicaro ca mbere mu murwi wa SM Caen. Kuri urwo rutonde habonekako umukinyi NDABASHINZE Dugary atari aherutse gutumwako mu murwi nserukiragihugu.

Abakinyi bose batumweko ni 32, urukino rwa mbere rukaba rutegekanijwe i Bujumbura kw’igenekerezo rya 12 Munyonyo 2015 mu gisagara ca Bumbura, mu rukurikirane rw’inkino z’ukurondera imirwi izokwitaba ihiganwa ry’igikombe c’isi yose kizobera mu Burusiya mu mwaka w’2018. Kizigenza muri urwo rukino azoba ari Ndikumana Yamin Selemani, asanzwe ariwe yabaye arafata ico kibanza cahoramwo Saido NTIBAZONKIZA. Bitegekanijwe ko abo bakinyi batumweko bazohura kuri uwu wa kane igenekerezo rya 5 Munyonyo 2015, kugira bashirwe mu kibanza kimwe (local), babandanye imyimenyerezo bari kumwe.

Abakinyi batumweko

Abanyezamu

Arakaza Mc Arthur, Biha Omar na Pascal

Abakinyi b’inyuma

Hagati (défenseurs centraux)

Hakizimana Issa, Nshimirimana David, Rugonumugabo Stéphane, Habarugira David, Nsabiyumva Frédéric

Ku ruhande (Latéraux)

KIZA Fataki, Vianney Hakizimana, Rashid Leon Harerimana, Niyonkuru Nassor, Nizigiyimana Karim Makenze

Abakinyi bo hagati (Milieux de terrain)

Ndikumana Yussuf Lule, Barenge Pistis, Duhayindavyi Gael, Nahimana Shassir, Moustapha Francis, Bigirimana Gael, Kavumbagu Didier, Papy Faty, Ndayisenga Fuadi, Kwizera Pierre, hamwe na Amissi Cedric.

Abasatirizi

Mavugo Laudit, Nshimirimana Abbas, Ndarusanze Claude, Bizimana Hassan, Tambwe Amissi, Ndikumana Yamin Selemani (Kizigenza), Fiston Abdoul Razzak, Ndabashinze Dugary.

Ku ruhande rw’umurwi nserukiragihugu wa Repuburika iharanira intwar rusangi ya Congo, Florent Ibenge Ikwange, umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo yatumyeko abakinyi mirongo ibiri na batatu bazofasha uwo murwi kurondera amahirwe y’ukubandanya ikurakuranamwo, akaba kandi yamenyesheje ko urukino rw’Uburundi barwiteguriye cane.

Abakinyi ba RDC batumweko

Mandanda Parfait (CHARLEROI)
Matampi Vumi Ley (DCMP/K)
Kiassumbua Joël (FC WOHLEN)
Oualembo Christopher (ACADEMIA COIMBRA)
Issama Mpeko (TP MAZEMBE)
Kimwaki Mpela Joël (TP MAZEMBE)
Mongongu Cedrick (ESKISEHIRSPOR)
Zakuani Gabriel (PETERBORROUGH)
Mbemba Chancel (NEWCASTEL)
N’sakala Fabrice (ANDERLECHT)
Lomalisa Mutambala José (AS V.CLUB)
Mulumbu Youssouf (NORWICH CITY)
Bope Bokadi Merveille (TP MAZEMBE)
Kamavuaka Wilson (STURM GRAZ)
Maghoma Jacques (BIRMINGHAM)
N’kololo Jordan (CAEN)
Kebano Neeskens (CHARLEROI)
Mubele Ndombe Firmin (AL AHLI)
Mabwati Cedric (COLUMBUS CREW SC)
Bakambu Cedric (VILLAREAL)
Mbokani Dieumerci (NORWICH CITY)
Bolasie Yannick (CRISTAL PALACE)
Bokila Jeremy (GUANGZHOU RF)


IGIHE

Messages

  • Coach w’Intamba agomba iki???? MBE ARAZI KO SAIDO avunje abakinyi 4, naje hiyo nitwatsindwa azoba abifisemwo uruhare, en plus atuma tutaraba umupira mwiza, urazi ingene SAIDO adiribra agapira, puuuuu naje hiyo uwo mu puuuuuuuuuu.

  • Yooooo, Ntacoroshe pe.None abakinyi ba barundi ko umengo barwaye inzoka bose? Ikibabaje babafungurira ibiharage n-ubugari hanyuma bakarenzako amazi.Ndanezerewe cane kubona saido atazokina na congo kk yoba yisubije hasi.Ivya football i Burundi nibibe biraja mukaruhuko.Jewe narigeze kuba ntaha nezerewe mvuye kuraba match hagati ya vital-o vs inter fc aho abakinyi Malik, lisala, liyongola, halidi, okoko, sunga jean- pierre, Ali Nsabimana, Stanyley bari bafise ubuhinga budasanzwe. Ubu bose birukira gutwara ffb bashaka kwitungisha. Reverien mugutwara iryo shirahamwe hagiyemwo umugambwe n-ukugura abazotora.Hanyuma mu BURUNDI murazi ko tumenyereye gutsindwa nubu ntakizohinduka kk igihugu kirwaye nabakinyi bararwara.Genda mwipime ariko ibitsindo ni 4 kubusa bw-intamba. Reka tuvuge uko ibintu bimeze jewe ndi contre le fanatisme aveugle. Tegura nyabuna amahiganywa ya 2020 ayayo mwayasezeye.

  • arakabona atamutumyeko iyo mbwa ngo ni saido nagende akore ubumaraya nabwabututsi kazi nayo umupira awurekere mavugo abudulazak nabandi amacakubiri yiw ntaramuheramwo.

  • arakabona atamutumyeko iyo mbwa ngo ni saido nagende akore ubumaraya nabwabututsi kazi nayo umupira awurekere mavugo abudulazak nabandi amacakubiri yiw ntaramuheramwo.

  • Erega na saido arakenewe hagati ni mbere nta attaque dufise aha numwe gusa ni fiston .saido ni bamuhamagare adufashe urwo rukino ntitumaramare

  • humura!! Congo tuzoitsindagira, kuko ndufise basaido bashi. kuki mutiyemera?? reka dufateko ko yoba arwaye none abandi nibokina?? rero itsinzi ni kashi....

  • Intsinzi Kumurwi Intamba Murugamba. Ntabwoba dufise Saido Arakaza Arthur n’abandi.......Benshi

  • humura nubwo atarimwo tuzokora. inamba zirashoboye

  • NUBWO SEIDO ADAHARI NTABWOBA DUFISE.

  • Kuriyinkuru Mbona Abarundi Abakinyi Bakomeye Ntibabatumyeko Nk’igihangange Saido Ntibazonkiza Ndababaye Gose Caneeeeeeeeeee!Uwundi Ambabaje Ni Saido Berahino,ariko Mpaye Amahigwe UBURUNDI Kubitsindo ( 2-1 )

  • ni kuki badatumako umusatirizi kizigenza saido NTIBAZOKIZA?

  • ni kuki badatumako umusatirizi kizigenza saido NTIBAZOKIZA? uwo mumenyerez amenye niyo intamba zatsindwa bizobazwa we.

  • ni kuki badatumako umusatirizi kizigenza saido NTIBAZOKIZA? uwo mumenyerez amenye niyo intamba zatsindwa bizobazwa we.

  • Saido Ntibazonkiza Bazomukenera Atakibikeneye.

  • BAHAMAGARE UWO SAIDO WANYU UDAKINA MURI CAEN

  • Nukuri ndabashimiyekutsinzi twitezeyu Burundi 2 kuri 0 vya congo,gusa muzorabeneza umwataka saïdo ntibazonkiza kubamwaramusizekontakwihendakurimwo ndabahamahigwemenshiyitsinzi yi,ntamba murugamba.

  • nukur nimurabemwige ikibazo ciwe kuko arakenewe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.