Accueil > Inkino > FOOTBALL > Samuel Eto’o fils yahambije Mourinho muri Chelsea
Samuel Eto’o fils yahambije Mourinho muri Chelsea
vendredi 30 Myandagaro 2013
Samuel Eto’o Fils w’imyaka 32 yateye umukono ku masezerano y’umwaka umwe muri Chelsea FC, avuye muri Anzhi Makkachkala, umurwi yagiye gukinira avuye muri Inter de Milan, nk’uko Chelsea yabimenyesheje.
Aho yatera umukono kuri ayo masezerano, haraheze iminsi ibiri, Samuel Eto’o Fils, umusatirizi akomoka mu gihugu ca Cameroun yamenyesheje ko ashikije indoto yari afise yo gusubira guhurira mu murwi umwe n’umumenyereza José Mourinho, ari nawe bari kumwe aho umurwi Inter de Milan yakinira watwara igikombe c’ihiganwa rya Buraya ry’imirwi yabaye iya mbere mu mwaka w’2010.

Samuel Eto’o Fils yatanguye urukino rw’umupira w’amaguru nk’umwuga mu mwaka w’1999 akinira umurwi wa Real de Madrid. Mu mwaka w’2010, yatwaye igikombe c’ihiganwa rya Buraya ry’imirwi yabaye iya mbere, ari kumwe na Mourinho mu murwi wa Inter de Milan.
Mu mwaka w’2011, niho yerekeza mu murwi Anzhi Makkachkala wo mu gihugu c’Uburusiya, aho yaharurwa nk’umukinyi ahembwa umushahara munini kurusha abandi kw’isi. Yahembwa imiliyoni 15 z’amayero (Euro) ku mwaka.
- Samuel Eto’o Fils agikina muri Anji Makhachkala, mu rukino rwariko rubahuza na Newcastle ku genekerezo rya 7 Ntwarante 2013, mu gisagara ca Moscou
IGIHE