Accueil > Inkino > FOOTBALL > Thierry Henry yahagaritse umwuga w’urukino rw’umupira w’amaguru
Thierry Henry yahagaritse umwuga w’urukino rw’umupira w’amaguru
mardi 16 Kigarama 2014
Umukinyi w’umufaransa, rurangiranwa mu mupira w’amaguru, Thierry Henry, yamenyesheje icese ko ahagaritse umwuga w’ugukina urukino rw’umupira w’amaguru. Thierry Henry yahisemwo kwibera umuhinga w’ivy’inkino ku mboneshakure "Sky Sports" yo mu Bwongereza.
Inyuma y’imyaka mirongo ibiri (20ans) abica bigacika mu rukino rw’umupira w’amaguru, Thierry Henry, umusatirizi w’umufaransa w’imyaka 37, yamenyesheje icese ko akukurutse. Abicishije ku muhora wa facebook yiwe, Thierry Henry yahora akinira umurwi wa New York Red Bulls wo muri Reta zunze ubumwe za Amerika, yamenyesheje ko agiye kuba umuhinga w’ivy’inkino ku mboneshakure "Sky Sports" yo mu Bwongereza.

Thierry Henry arashimira abamufashije bose gushika aho ageze, hamwe n’imirwi yose yagiye arakinira. Ku muhora wa facebook yiwe yagize ati : "Inyuma y’imyaka 20, mfashe ingingo y’uguhagarika umupira w’amaguru w’ababigize umwuga (fotball professionnel). Narahigiye ibintu bidasanzwe, nkaba nashaka mbere gushimira abakunzi banje bose, hamwe n’abamfashije bose. Ndashimira imirwi yose nagiye ndakinira ariyo AS Monaco, Juventus, Arsenal, FC Barcelone, hamwe na New York Red Bulls. Sinokwibagira umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa wateje imbere bimwe biboneka ibikorwa vyanje. Harageze rero ko mfata iyindi nzira, nkaba nezerejwe n’ukubamenyesha ko ngira ngaruke mu gisagara ca Londres, kugira nkorane n’imboneshakure "Sky Sports"
Egide Nduwimana
Messages
8 Nyakanga 2015, 19:00, par Ismaïl
uyumukinyi nivyoyiyunviriye usanga harakarusho yabonyemwo