IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Twitter : Ni kuki abategetsi ba banyafrika bakoresha ururimi rw’igifaransa (...)

Twitter : Ni kuki abategetsi ba banyafrika bakoresha ururimi rw’igifaransa bakiri inyuma ?

mercredi 28 Myandagaro 2013

Nka bose mu banyapolitike ba banyafrika barakoresha ubwo buhinga, ariko ntibabukoresha ku rugero rumwe ubwo buhinga bwa Twitter. Insiguro, ngo ni ukwo abanyepolitike ba banyafrika bakoresha ururimi rw’igifaransa, batabakurikirana cane ukwo bakoresha ubwo buhinga ngurukanabumenyi bwa Twitter, kandi ko n’ururimi ikoreshwamwo rwoba rutaborohera (Icongereza).

Ku rutonde rw’abakuru b’ibihugu batanu bakoresha ubwo buhinga ba mbere bo muri Afrika bakurikiranywe cane, uwa mbere ni umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo Jacob Zuma, uwa Kenya, Uhuru Kenyatta, hagakurikira umukuru w’Urwanda Paul Kagame, ubwa kane haza Jakaya Kikwete wa Tanzaniya, uwa gatanu ni Moncef Marzouki, umukuru w’igihugu ca Tuniziya.

Igice kinini c’abanyafrika basanzwe badakunda gushira kumugaragaro ivyo barangura, ndetse ugasanga biri mu mico yabo, aho bifatwa nk’iragi ry’abasokuru, kudashira ku mugaragaro ibikorwa vyabo. Mu bihugu rero bitandukanye vy’Afrika, biracari inyuma mu bijanye n’ubuhinga bwa none ndetse n’ururimi rukoreshwa ku mbuga ngurukana bumenyi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.