IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Uburyo bwo gutumatumanako amakuru biciye kuri "WhatsApp" bwaguye (...)

Uburyo bwo gutumatumanako amakuru biciye kuri "WhatsApp" bwaguye imihora

jeudi 22 Nzero 2015

Uburyo bwo gutumanako amakuru biciye mu butumwa ’’Whatsapp" bugiye gukoreshwa no ku nyabwonko (computer) mu gihe yahora ikora ku ma telefone ngendanwa gusa.

Inyuma yaho ikigo c’urubuga facebook kiguze ikigo co gutumatumanako amakuru biciye mu buryo bw’ubutumwa "whatsapp", ubu ubwo buryo bwateye imbere. Ubuyobozi bwa whatsapp bwatangaje ko ubwo buryo bwo gutanga ubutumwa "whatsapp"bugiye gukoreshwa no kunyabwonko, mu gihe tuzi ko yakoreshwa gusa kuri terefone ngendanwa.

Ubwo buyobozi bongera bavuga ko ubwo buryo buzosaba kuba ukoresha ubuhinga ngurukana bumenyi (internet), kandi ko mu gihe terefone ngendanwa irimwo ubwo buhinga, umurongo wayo uzohuzwa ni nyabwonko y’umuntu ariko arayikoresha. Mugabo abazokoresha ubwo buryo bushasha n’abafise terefone zo mu bwoko wa Android, Windows mbere na Blackberry.

Kugira umuntu ashobore gukoresha ubwo buryo bisaba ubwa mbere kuba ukoresha muri terefone whatsapp igezweho (Latest Version), hama ukagenda ku rubuga rwa whatsapp (web.whatsapp.com), aho umuntu aca abona code izwi cane "QR" maze ukayifotora (scan) ukoresheje terefone ngendanwa.Haheze umwanya muto umuntu arashobora kubona whatsapp ku nyabwonko yiwe agaheza akayikoresha.

Mwomenya ko ubwo buryo bwo guhanahana ubutumwa budashoboka ku bantu bakoresha amaterefone yo mu bwoko bwa Iphone kubera ibintu, ishirahamwe Apple na whatsapp, batarumvikanako.Ubu mukamenya ko ubwo buryo bwo guhanahana amakuru biciye mu butumwa whatsapp bukoreshwa n’abantu barenga imiriyoni 500 kw’isi.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.