Ububirigi bwasezerewe muri EURO 2016

Yanditswe na IGIHE
Kuya 2 juillet 2016 saa 09:39
Yasomwe : 7722
0 0

Umurwi nserukiragihugu wa Pays de Galles watsinze Ububirigi ibitsindo 3 kuri kimwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu, mu rukino rw’igice ca kane gishira ica nyuma c’inkino za Euro 2016.
Pays de Galles izoca ihura na Portugal mu gice ca kabiri gishira ica nyuma. Ububirigi nibwo bwatanguye gutsinda hakiri kare ku munota wa 13 w’igice ca mbere c’urukino, ku gitsindo cinjijwe na Radja Nainggolan.
Uwo murwi wa Pays de Galles wahavuye ugombora ico gitsindo ku munota wa 31, ica kabiri ku munota wa 55, (...)

Umurwi nserukiragihugu wa Pays de Galles watsinze Ububirigi ibitsindo 3 kuri kimwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu, mu rukino rw’igice ca kane gishira ica nyuma c’inkino za Euro 2016.

Pays de Galles izoca ihura na Portugal mu gice ca kabiri gishira ica nyuma. Ububirigi nibwo bwatanguye gutsinda hakiri kare ku munota wa 13 w’igice ca mbere c’urukino, ku gitsindo cinjijwe na Radja Nainggolan.

Uwo murwi wa Pays de Galles wahavuye ugombora ico gitsindo ku munota wa 31, ica kabiri ku munota wa 55, hamwe n’ica gatatu ku munota wa 86.

Pays de Galles izohura na Portugal mu rukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma ruzobera mu gisagara ca Lyon mu Bufaransa, kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 6 Mukakaro 2016.


Kumenyekanisha

1
Sheck 7-07-2016 à 09:43

kurusha kwenye sim

2
lov lov 5-07-2016 à 14:16

yee messi yihangane niko biri murukino kandi ntahebe umurwi wiw kuko niw bahanz amaso

3
MIBURO JEROME 3-07-2016 à 11:35

BANDANYA GUSHUSHINKINO MESSI NIYIHANGANE KUKO UWUDATSINZE ARATSINDWA

4
Callixte Nyangoma 3-07-2016 à 07:18

Novuganti ;christiano Ntaze Atummaramaze Twebw Abafana Biw Nkuko Messi Yabigiz Mukubamaramaza Agaca Ahemukira Igihugu Ciwe.Ucumenga Afis Ivyiyumviro Nkivyabana.Kukumwana Wamumenyereje Ibenye Cank Umukate Uwomusi Ntubimuhe Ucumenga Ntukibaye Umuvyeyi.Nabasaba Kwiki Ciyumviro Mwogishikiriza Mumakuru Yinkino Mundwi Gtangura.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha