Ubufaransa buzohura na Portugal mu rukino rwa nyuma rwa Euro 2016

Yanditswe na IGIHE
Kuya 8 Mukakaro 2016 saa 10:40
Yasomwe : 8460
0 0

Antoine Griezman, umusatirizi w’umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa yafashije igihugu ciwe gukura mw’ihiganwa Ubudagi, ku ntsinzi y’ibitsindo bibiri yinjije wenyene mu rukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma, mw’ihiganwa rya Euro 2016, mu rukiro rwabereye kuri Stade Velodrome iri mu gisagara ca Marseille, mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane.
N’igitsindo ca kabiri c’Ubufaransa cinjijwe na Antoine Griezman, ku mupira mwiza yari ahawe na Paul Pogba. Ku bitsindo bitandatu amaze kwinjiza, uwo mukinyi (...)

Antoine Griezman, umusatirizi w’umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa yafashije igihugu ciwe gukura mw’ihiganwa Ubudagi, ku ntsinzi y’ibitsindo bibiri yinjije wenyene mu rukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma, mw’ihiganwa rya Euro 2016, mu rukiro rwabereye kuri Stade Velodrome iri mu gisagara ca Marseille, mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane.

N’igitsindo ca kabiri c’Ubufaransa cinjijwe na Antoine Griezman, ku mupira mwiza yari ahawe na Paul Pogba. Ku bitsindo bitandatu amaze kwinjiza, uwo mukinyi Antoine Griezman akaba ariwe amaze gutsinda vyinshi muri iryo higanwa.

Ubufaransa busanzwe aribwo bwakiriye iryo higanwa buzoca buhura n’umurwi nserukiragihugu wa Portugal mu rukino rwa nyuma, aho akazoba ari kw’igenekerezo rya 10 Mukakaro 2016.


Kumenyekanisha

1
ERNEST YAMUREMYE 14-08-2016 à 14:04

MWIKURE MWO IVYO KUZAA MU BURUNDI NGO MUJE GUCUNGA [email protected]

2
rodrigue 21-07-2016 à 21:06

jewe kubwanj ibintu po ikoze uy’umwaka ntavyo twaritwitez

3
rodrigue 21-07-2016 à 21:05

jewe kubwanj ibintu po ikoze uy’umwaka ntavyo twaritwitez

4
NTEZIMANA Janvier 8-07-2016 à 21:55

MBEGA ABAKINYI BEMEREWE GUKINA BABA BAFISE IMYAKA INGAHE ? IBIRO BINGAHE ? UBUREBURE BUNGANA GUTE?

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha