Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Inkino \BB FOOTBALL
Ubufaransa bwatanguye neza inkino za EURO 2016
Yanditswe taliki ya 11-06-2016 - isaha 06:13' na IGIHE

Umurwi nserukiragihugu y’Ubufaransa watsinze urukino rwo kwugurura inkino za nyuma z’igikombe ca 15 c’Ubulayi mu mupira w’amaguru (Euro-2016), inkino zatanguye kuri uwu wa gatanu i Paris mu Bufaransa.

Igitsindo c’umukinyi Dimitri Payet ku munota wa 89 nico cahaye Ubufaranda intsinzi y’ibitsindo 2 kuri 1 mu rukino na Rumaniya.

Umufaransa Olivier Giroud niwe yatsinze igitsindo ca mbere c’Ubufaransa ku munota wa 57 ariko Rumaniya iza kukigombora ku munota wa 78 kuri penariti yatsinzwe na Bogdan Stancu.

Umurwi w’Ubufaransa ubu niwo uyoboye itsinda A, izindi nkino muri iryo tsinda zikaba zitegekanijwe kuri uwu wa gatandatu hagati y’Ubusuwisi na Albaniya.

Ivyiyumviro vyanyu

ubufaransa bwavyifashemwo neza

13.06.2016 à 23:05
isaac

Tubipfurije gukora nko muri coupe du monde y 1998 ntibibagire AFRIKA

13.06.2016 à 20:10
kanobetheln@yahoo.fr

ndawifurije amahigwe

13.06.2016 à 02:31
prospa

Vyaranezereye.Cane

12.06.2016 à 22:01
Mpawenimana

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.