Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ubumwe bwa Afrika: inkino z’umupira w’amaguru mu kubungabunga (...)
Ubumwe bwa Afrika: inkino z’umupira w’amaguru mu kubungabunga amahoro
samedi 25 Rusama 2013
Mu ntumbero yo kubandanya kwigina imyaka mirongo itanu ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rimaze rishizwe, hatangujwe umugambi wo gutsimbataza amahoro biciye mu rukino rw’umupira w’amaguru.
Uwo mugambi watangujwe n’ishirahamwe rikomeza amahoro n’ubumwe muri Afrika biciye ku rukino rw’umupira w’amaguru ukaba ujanye n’imipira ikomeye kandi idatoboka izotangwa igera ku bihumbi mirongo ibiri n’indwi n’amajana atandatu, ikazotangwa ku rwego rw’igihugu, haba ku mashure, ku makomine no ku mirwi ikina urukino rw’umupira w’amaguru.

Abategetsi bari baserukiye Leta muri ivyo birori , harimwo icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri n’umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imico kama, Adolphe Rukenkanya bagarutse ku kamaro k’inkino mu kubungabunga amahoro, aho zituma n’abadahuza ivyiyumviro bashobora guhura bagakinana, inkino kandi zigakomeza umutima wo kumenyera kurushanwa, uwutsinze n’uwutsinzwe ntibarabane ay’ingwe.
Kubw’umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imico kama, Adolphe Rukenkenya, uwo mugambi uje hageze kuko mu bushikiranganji bari basanzwe bafise umugambi wo gushinga umurwi w’umupira w’amaguru ku mashure yose yo mu gihugu, ari naho hazova imikangara ishobora gutera iteka igihugu muri kazoza mu nkino.

Ivyo birori vyari vyitabwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, nk’uwuserukira igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi bikaba vyabereye ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, bikaba vyatangujwe n’inkino z’igice ca nyuma hagati y’imirwi yarushije iyindi mw’ikuranamwo.

Twobamenyesha ko muri iyo mirwi yatowe mu makomine hakina abahungu bavanze n’abakobwa, ico kikaba ikimenyetso ko mu kubungabunga amahoro, abantu bakwiye kurengera ubudasa bwabo.

Egide Nduwimana