IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Uburundi buzokina na Niger butagira umukinyi Frederic NSABIYUMVA

Uburundi buzokina na Niger butagira umukinyi Frederic NSABIYUMVA

mercredi 31 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi mu rukino rw’umupira w’amaguru, INTAMBA MU RUGAMBA, uzokina urukino rw’ugusubiriza kuri uwu w’Imana, utagira Frederic NSABIYUMVA, umukinyi w’inyuma asanzwe avyifatamwo neza cane mu nkino amaze gukinira Uburundi.

Abakinyi bose batumweko bava hanze y’Uburundi baramaze gushika mu myimenyerezo, kiretse Frederic NSABIYUMVA yamaze kumenyesha ko atakije. Uwo mukinyi yasiguye ko muri uwu mwanya afatiriwe, kuko ari mu bikorwa vy’ukurondera impapuro zimuha uburenganzira bw’ugukinira muri Afrika y’epfo (permis de travail), igihugu asanzwe akinamwo, mu murwi wa JOMO COSMOS, akaba ari nawe kizigenza w’uwo murwi. Ariko arondera kandi n’urundi ruhusha rw’ukuba muri ico gihugu (visa de résidence), aho tukabamenyesha ko urwo yahorana rwaheze.

Umumenyereza w’INTAMBA MU RUGAMBA, Olivier NIYUNGEKO akaba afise igikorwa gikomeye c’ukuzosubiriza uwo mukinyi w’inyuma, Frederick NSABIMANA, aboneka nka kirumara ku Burundi, mbere akaba ariwe yabaye umusubirizi mwiza wa Valery NAHAYO kuva aho uwo yari Kizigenza w’Uburundi amenyesheje ko akukurutse.

JPEG - 143.6 ko
Valery NAHAYO yasubiriwe na Frederick NSABIYUMVA mu kibanza yarimwo

Uburundi buzokina na Niger kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 4 Nyakanga 2016 i Niamey, akaba ari mu rukurikirane rw’ukurondera imirwi izokwitaba ihiganwa ry’igikombe ca Afrika c’umwaka w’2017 rizobera muri Gabon.

Tukabamenyesha ariko ko n’aho mu rukino rwa mbere Uburundi bwari bwatsinze ibitsindo bibiri ku busa umurwi nserukiragihugu wa Niger, Uburundi bwaramaze gutakaza amahirwe y’ukuzokwitaba iryo higanwa. Abakinyi b’Uburundi nibigenza neza bagatsinda muri urwo rukino, bikaba bizofasha igihugu kwegera imbere ku rutonde rwa FIFA rw’ingene ibihugu birushanya amanota.

Urutonde rw’abakinyi 16 batowe mu bandi kugira baserukire Uburundi muri Niger. Bafata urugendo kuri uwu wa gatatu

Arakaza Mac Arthur
Nzokira Jeff
Ndikumana Yamini Selemani
Hakizimana Issa
Harerimana Moussa Haphizi
Nahimana Shassiri
Kwizera Pierre
Mavugo Laudit
Tambwe Amissi
Abdoul Fiston
Nizigiyimana Abdoul Karim
Nshimirimana David
Kiza Fataki
Sabumukama Enock
Papy Faty
Moussa Omar


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.