IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Uburundi bwarushijwe na Niger mu rukino rw’ugusubiriza

Uburundi bwarushijwe na Niger mu rukino rw’ugusubiriza

lundi 5 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Umurwi nserukiragihugu mu mupira w’amaguru, INTAMBA MU RUGAMBA, watsinzwe ibitsindo bitatu kuri kimwe n’umurwi nserukiragihugu wa Niger, mu rukino rwabaye kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 4 Nyakanga 2016 i Niamey, akaba yari mu rukurikirane rw’ukurondera imirwi izokwitaba ihiganwa ry’igikombe ca Afrika c’umwaka w’2017 rizobera muri Gabon.

Uburundi bwatsinzwe mu gihe mu rukino rwa mbere rwabereye i Bujumbura INTAMBA MU RUGAMBA zari zatsinze, aho Uburundi bwatsinze Niger ibitsindo bibiri ku busa. Ibitsindo bitatu vya Niger vyinjijwe na Adebayor, Maazou hamwe na Koffi, mu gihe igitsindo c’Uburundi cinjijwe na Papy Faty

Tukabamenyesha ariko ko n’aho mu rukino rwa mbere Uburundi bwari bwatsinze uwo murwi nserukiragihugu wa Niger, Uburundi na Niger ni ibihugu vyamaze gutakaza amahirwe y’ukuzokwitaba iryo higanwa ry’igikombe ca Afrika.

Mw’itsinda (Groupe) rya K Uburundi burimwo, mu kibanza ca mbere haza igihugu ca Sénégal gifise amanota 18, akaba kandi arico gihugu kizokwitaba ihiganwa ry’igikombe ca Afrika c’umwaka w’2017, muri iryo tsinda.

Uburundi buza mu kibanza ca kabiri n’amanota atandatu, hagakurikira Namibie ifise amanota atandatu nyene.

Abakinyi 16 batowe mu bandi kugira baserukire Uburundi muri Niger

Arakaza Mac Arthur
Nzokira Jeff
Ndikumana Yamini Selemani (yarasivye)
Hakizimana Issa
Harerimana Moussa Haphizi
Nahimana Shassiri
Kwizera Pierre
Mavugo Laudit (yarasivye)
Tambwe Amissi (yarasivye)
Abdoul Fiston
Nizigiyimana Abdoul Karim
Nshimirimana David
Kiza Fataki
Sabumukama Enock
Papy Faty
Moussa Omar


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.