IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ubuyobozi bwa Chelsea bwirukanye umumenyereza Jose Mourinho

Ubuyobozi bwa Chelsea bwirukanye umumenyereza Jose Mourinho

jeudi 17 Kigarama 2015

Umurwi Chelsea w’umupira w’amaguru mu gihugu c’Ubwongereza wirukanye umumenyereza wawo Jose Mourinho,inyuma yaho uwo murwi utsindiwe inkino icenda zose mw’ihiganwa rikuru ryo mu gihugu c’Ubwongereza Premier League.

Amakuru dukesha ikinyamakuru France 24,yemejwe na BBC na Daily Mail,Jose Mourinho yirukanywe n’abarongozi b’umurwi chelsea,ubu uza mu kibanza ca cumi na gatandatu ku rutonde mfatakibanza rw’ihiganwa ry’Ubwongereza.

Iyirukanywa rya Jose Mourinho ntiryatangaje benshi kuko uwo murwi umaze iminsi utigenza neza mw’ihiganwa ry’Ubwongereza. Umunya Espagne Juande Ramos niwe ahabwa amahirwe yo gusubirira Jose Mourinho mu kumenyereza Chelsea.

Bitegekanijwe ko Mourinho atekererwa imiriyoni 55 z’amafaranga y’abanyaburaya kubera ko yirukanywe ikiringo ciwe kitarahera.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.