Umurwi Chelsea w’umupira w’amaguru mu gihugu c’Ubwongereza wirukanye umumenyereza wawo Jose Mourinho,inyuma yaho uwo murwi utsindiwe inkino icenda zose mw’ihiganwa rikuru ryo mu gihugu c’Ubwongereza Premier League.
Amakuru dukesha ikinyamakuru France 24,yemejwe na BBC na Daily Mail,Jose Mourinho yirukanywe n’abarongozi b’umurwi chelsea,ubu uza mu kibanza ca cumi na gatandatu ku rutonde mfatakibanza rw’ihiganwa ry’Ubwongereza.
Iyirukanywa rya Jose Mourinho ntiryatangaje benshi kuko uwo murwi umaze iminsi utigenza neza mw’ihiganwa ry’Ubwongereza. Umunya Espagne Juande Ramos niwe ahabwa amahirwe yo gusubirira Jose Mourinho mu kumenyereza Chelsea.
Bitegekanijwe ko Mourinho atekererwa imiriyoni 55 z’amafaranga y’abanyaburaya kubera ko yirukanywe ikiringo ciwe kitarahera.
None ubu Agezehe?