Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umuhagarikizi w’urukino rwa Tunisiya na Guinée Equatoriale yahakuwe (...)
Umuhagarikizi w’urukino rwa Tunisiya na Guinée Equatoriale yahakuwe n’abagabo
lundi 2 Ruhuhuma 2015
Inkino z’igice ca kane mu mahiganwa y’igikombe ca CAN 2015 nticaheze neza hagati y’umuhagarikizi n’abakinyi ba Tunisiya, kuko n’intambara yahatswe kwaduka. Ibindi bihugu vyakinye nta ngorane zo kurwana zagiyemwo kubera ibitsindo vyinjira ku buhinga.
- umumenyereza abakinyi bagira bamukake
Urukino rwahuje Guinée Equatoriale na Tunisiya ntirworoheye umuhagarikizi ava mw’izinga rya Maurice. Hasigaye iminota mike ngo urukino rurangire, Tunisiya yari ifise igitsindo kimwe ku busa bwa Guinée Equatoriale. Kw’ikosa ryagiriwe umukinyi wa Guinée, umuhagarikizi yaciye atanga "Penalty" kandi vyaboneka ko uwo mukinyi yoba yigwishije hasi agaca yitembagaza. Iyo "penalty" yatumye imirwi inganya, ariko mu minota 3 bongeye, Guinée yaciye yinjiza ikindi, Tunisiya ica iratekera. Abakinyi ba Tunisiya ntibihanganiye umuhagarikizi, iyo hataba abajejwe umutekano ntiyari kworoherwa.
- Abakinyi ba Cote d’Ivoire bahejeje gutsinda
Guinée Equatoriale izoca ihura na Ghana yakuyemwo Guinée, hazoba ari kw’igenekerezo rya 05 Nzero ku kibuga ca Malabo. Congo Kinshasa (Zaire) nayo yatsinze Congo Brazzaville izohura na Cote d’Ivoire yatsinze Algeriya igihugu cahabwa amahigwe yo gutsindira CAN 2015, ni kw’igenekerezo rya 04 Nzero ku kibuga ca Bata.

Cherif Nkeshimana