IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Kuki abantu bahurumbira umuhora wa Facebook

Kuki abantu bahurumbira umuhora wa Facebook

jeudi 30 Nzero 2014

Umuhora ngurukana bumenyi wa mbere ukoreshwa n’abantu benshi Facebook warashikirije icegeranyo c’uko umwaka w’i 2013 wagenze. Muri ico cegeranyo, , Sheryl Sandberg icegera c’umukuru w’umurwi w’abahinga ba Internet, amenyeshako bungutse cane mu gisata co kumenyekanisha za ngendanwa, na ho haje aba keba nka Twitter na Snapchat.

Inyungu iryo shirahamwe ryaronse mu mwaka uheze w’i 2013 ugera ku muriyaridi 1,5 w’amadorari y’Abanyamerika. Muri ayo mahera ayagera ku miriyoni 523 zinjiye mu mezi atatu yanyuma y’uwo mwaka nyene. Baharuye basanze yongerekanye incuro 8. Nk’uko bisanzwe biharurwa i Wall Street, ku gikorwa kimwe ca Facebook cavuye kuri 4 kija kuri 31, urugero rw’abakoresha uwo muhora rwaduze ibice 44 kw’ijana 44%.

Ingene kutangaza za ngendanwa vyongereje umutahe,

Amahera iryo shirahamwe rikoresha yiyongereyeko ibice 55% ni kuvuga imiriyaridi 7,9 vy’amadorari, mu mwaka umwe guse w’i 2013. Muri ayo, ibice 63% canke imiriyaridi 2,6 yose vyinjiye mu mezi atatu yanyuma y’uwo mwaka nyene.
Ico cegeranyo kiratanga akarorero ko guhayanisha ibintu biciye kuri za ngendanwa nka Smartphone, basanze ivyo vyiyongereye kuva ku bice 53% hanyuma ibice 49% mu mezi y’umwaka w’i 2013.

Abarabira ibintu hafi, bavugako iryo terambere ry’umuhora wa Internet mu gice cawo ca Facebook ritari bwigere ribaho. Muri ico kiganiro, Sheryl Sandberg, nawe avuga ko gusa hari uburinganire baravye amahera binjije mu mezi atatu yanyuma y’umwaka uheze mu gutangaza kuri za ngendanwa, ashaka kungana nayo bari baronse mu mwaka w’i 2012. Ivyo rero vyahaye ikibanza ca kabiri Facebook mu mirongo itangaza amakuru ku ngurukana bumenyi. Umuhora uza ubwa mbere ni Google ufise hagati y’ibice 32,4 % ni 53, 17%, Facebook nayo ifise hagati y’i 5,7 % n’i 18,44%. Ivyo n’ibiharuro duhabwa n’amatohoza yakozwe n’ishirahamwe eMarketer.

Mark Zuckerberg, nawe amenyeshako ubuhinga bakoresha ari gukora vyiza bike. Avugako ari uburyo bwiza bwo gufasha abantu kumenya vyinshi hanyuma ishirahamwe naryo rikinjiza. Mu gutanga ivyo biharuro, abarongozi ba Facebook bagomvye gutanga umuco ku bimaze iminsi bivurwako urwaruka rwose rwo muri Amerika rusigaye ruhurumbira iyindi mihora nka Twitter na Snapchat. Naho rero batangaza ivyo, baremerako inyuma y’amezi 3 aheze abakoresha Facebook baragabanutse gato.

Mwomenyako umurongo wa Facebook ukoreshwa n’abantu bagera ku muriyaridi 1,23 ku kwezi ku kwezi, abantu bagera ku miriyoni 556 bama ku murongo wa Facebook ku munsi ku munsi, abo biyongereye ibice 49% ku mwaka.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.