Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi Asamoah Gyan asumvya ibitsindo Cristiano Ronaldo
Umukinyi Asamoah Gyan asumvya ibitsindo Cristiano Ronaldo
vendredi 5 Kigarama 2014
Umukinyi Asamoah Gyan arasumvya ibitsindo igihangange Cristiano Ronaldo baharuye ibitsindo amaze kwinjiza mu mwaka w’2014.

Mu matohoza yakozwe, basanze Asamoah Gyan avuka mu gihugu ca Ghana asumvya ibitsindo CR7 wo muri Portugal. Biratangaje ariko nivyo. Baharuye basanze Asamoah Gyan akina muri Al-Ain, umurwi wo muri Arabie Saoudite amaze kwinjiza ibitsindo 12 mu mahiganwa yo ku mugabane wa Asia hamwe n’ibitsindo 6 amaze kwinjiza mu murwi nserukiragihugu Black Stars wo muri Ghana. Aho rero bafashe ibitsindo vyo gushika mu kwezi kwa Gitugutu. Vyose hamwe ni ibitsindo 18. Cristiano Ronaldo nawe yinjije ibitsindo 17, ni ukuvuga 13 mu murwi wa Real Madrid na 4 mu murwi nserukiragihugu wa Portugal.
Naho biri uko, Cristiano Ronaldo yatwaye umupira w’inzahabu mu mwaka w’2013 ku bitsindo 15 yinjije muri Ligue de Champions na 10 vyo mu murwi nserukiragihugu wa Portugal. Ubu naho Cristiano Ronaldo ariko ahiganwa na Lionel Messi na Manuel Neuer, kugira barabe uwuzotwara umupira w’inzahubu w’umwaka w’2014, kandi Cristiano Ronaldo afise amahigwe menshi.
Cherif Nkeshimana
Messages
18 Kigarama 2014, 15:46, par jean bosco
none uyu mukinyi wumunya friqua wewe bazomuh agashimwe akahe?
13 Ndamukiza 2017, 23:12, par ANICET
None real madrid irusha amanota angahe baricelona?