Accueil > Inkino > FOOTBALL > Didier Drogba yatanze imfashanyo ku banyagihugu b’i Soma
Didier Drogba yatanze imfashanyo ku banyagihugu b’i Soma
lundi 19 Rusama 2014
Umukinyi w’umupira w’amaguru Didier Drogba yatanze imfashanyo ku miryango yabuze ababo igihe umusozi warwa ku bantu bariko bimba ubutare. Uwo mukinyi ntashaka aboguma bavuga ibijanye n’iyo mfashanyo kuko biri muvyo yiyemeje.

Imfashanyo ingana umuriyoni w’amahera y’amanyaburaya (1million d’Euros) yatanzwe n’umukinyi Didier Drogba. Ni mu ntumbero yo kugarukira ku miryango y’abantu 300 ababo bahitanywe n’umusozi wabaguyeko bariko bimba ubutare, hari mu ndwi iheze mu gihugu ca Turkiya.
Drogba avuga ati : "Ndi umuserukizi w’ubushake (Volontaire) wa ONU, nico gituma ntegerezwa gukora ivyo nshoboye kugira mfashe abantu b’i Soma (aho abantu 300 baguye)". Yongerako ati:"Sinshaka abantu baca bakoresha izina ryanje basa n’abamenyekanisha kubw’iyo mfashanyo".
Mwomenya ko abakinyi ba Galatarasay Drogba asanzwe akinamwo baciye baja mu kibuga bambaye inkofero z’abimba ubutare bita (Casque).

Cherif Nkeshimana
Messages
19 Rusama 2014, 15:48, par xxx
Nivyiza cane
16 Ntwarante 2017, 09:54, par Bitangimana Aimable
Nivyiza Cane Abantu Bose Bomera Nka Drogba Vyoba Vyiza.