Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi Mac Arthur yasezeye umurwi yahora akinira
Umukinyi Mac Arthur yasezeye umurwi yahora akinira
mercredi 10 Nyakanga 2014
Umukinyi w’umunyezamu, Arakaza Mac Arthur yasezeye umurwi wa Flambeau de l’Est, yagiranye amasezerano mashasha n’umurwi yahozemwo wa Vital’o. Asezeye umurwi yahoramwo neza kandi gusubira muri Vital’O ni intambwe kuri we.

Uwahoze ari umunyezamu w’umurwi wa Flambeau de l’Est wo mu ntara ya Ruyigi, Arakaza Mac Arthur, yungururije mu murwi wa Vital’o. Bagiranye amasezerano y’umwaka. Uwo munyezamu agiye gufashanya na Biha Omar asanzwe ari umunyezamu wa Vital’o. Mac Arthur agiye muri Vital’o mu gihe n’umurwi wa Lydia Ludic wariko uramurondera, ariko uwo wa nyuma washaka ko bogirana amasezerano y’imyaka 2.
Mac Arthur arashimira abakinyi bahorana muri Flambeau de L’Est, akanashimira n’abarongozi b’umurwi kuko muri uwo murwi yaharonkeye imigisha myinshi, aha avuga igihe yatorwa nk’umunyezamu wa mbere yigenjeje neza mu mahiganwa ya CHAN 2014, eka yaranafashije Flambeau de l’Est gutsindira igikombe ca Primus League 2013-2014.
- Mac Arthur imbere y’abakinyi ba Flambeau de l’Est
Mwomenya ko umunyezamu Mac Arthur Arakaza yatanguye kuba ari mu murwi wa Aigle du Sud w’i Makamba, agaca agomwa muri Vital’o (agarutsemwo), hanyuma yaranakinye mu murwi wa Lydia Ludic. Yinjiye muri Flambeau de l’Est mu mwaka w’2012, yari amazeyo imyaka 2.
Cherif Nkeshimana
Messages
10 Nyakanga 2014, 11:20, par NDC
Nivyo Uwo munyezamu najewe naramukunze kuko yarakingiye neza izamu ryiwe muri CHAN 2013. Nakomeze atere imbere azoshike kure yongere ashikane ahantu heza hashimwa umupira w’amaguru mu Burundi.
11 Nyakanga 2014, 11:37, par belladone
yoo arthur nuwa hatari ahubw nater imber can 2ramukunda!
12 Nyakanga 2014, 15:10, par twizerimana alexandre batazira les guepied.
ego naze muri. vit’alo ayishikane aho yashikanye frambeau
2 Mukakaro 2015, 06:06
And the Byzantine
18 Ntwarante 2016, 22:19, par Manirakiza Yacenth Ryg
Mac Artur Naronke Imigisha