IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Burundi : Umukinyi Sidney Govou yahaye impanuro abakinyi bo mu kigo (...)

Burundi : Umukinyi Sidney Govou yahaye impanuro abakinyi bo mu kigo "Intwari"

lundi 20 Gitugutu 2014

Umukinyi mpuzamakungu w’umupira w’amaguru Sidney Govou yaragendeye ikigo "Intwari" c’abana bahoze mw’ibarabara. Ico kigo kibashira mw’ishule kikongera kikabigisha gukina umupira w’amaguru. Abarongoye ikigo barashimye impanuro zatanzwe n’uwo mukinyi rurangiranwa kw’isi w’umupira w’amaguru.

JPEG - 71.9 ko
Govou ari kumwe n’abana bo mu kigo "Intwari"

Pierre Claver Rurakamvye azwi kw’izina rya ABEGA arongoye ikigo "Intwari", ahejeje, igihe yakira uwo mushitsi, yaramenyesheje uko umurwi wavutse n’uko ikigo cagiye gitororokanya abo bana. Ngo bakurwa mw’ibarabara babashira mu mashule bongera babigisha umupira w’amaguru. Kubwa ABEGA ngo n’intambwe bagezeko mu nkino z’umupira w’amaguru irashimishije cane.

Sidney Govou yaratanze impanuro zitari nke kuri abo bana, abereka ko kubaho neza bisaba kwitanga bikwiye mu gikorwa umwe wese asabwa gukora. Abo bana yabahunuye ko imbere ya vyose bokwijukira amashule. Hanyuma abiyumvamwo gukwirikirana umupira w’amaguru bakabikorana ishaka. Govou avuga ko izo mpanuro atanze nawe yazihanuwe na se wiwe nawe yari umukinyi w’umupira.

Sidney avuga ko bose batoba ibihangange vy’abakinyi b’umupira w’amaguru, ariko ico umwe wese akora yogikora neza kandi akagikunda, ibindi biza vyiyongera. Inyuma y’ijambo, yaciye atanguza urukino rwahuje abana bari mu kigo "Intwari".

ABEGA arongoye ikigo intwari kirimwo abana bashika 40, yashimye cane urugendo rw’uwo mukinyi n’impanuro yahaye abakinyi bari ngaho. Uwo arongoye ico kigo yemeza ko yakuye icigwa kitari gito mu mpanuro za Govou kuko yashoboye gutomorera abana ko batoca biyumvira ko bategerezwa kuzoba abakinyi rurangiranwa.

Mwomenya ko Govou yavuze igenekerezo rya 27 Mukakaro 1979 ahitwa Puy-en-Velay (Haute-Loire, France). Yahoze akina mu murwi Lyon wo mu Bufaransa ku nomero y’umunani. Ariko ubu agire akwize umwaka ahagaritse gukina umupira w’amaguru. Ubu ari mu bikorwa vyo gufasha abana ba ntahonikora cane cane banyamwema.

Mu kugendera ico kigo Intwari, Sidney Govou, yamuka mu gihugu ca Bénin yari yaje mu Burundi gutanga imfashanyo mw’ishirahmwe "Albinos Sans Frontieres".

Pierre Claver Rurakamvye "ABEGA"

Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.