Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi Ricardo Ferreiro abaye umukinyi wa mbere ahagaritswe imyaka (...)
Umukinyi Ricardo Ferreiro abaye umukinyi wa mbere ahagaritswe imyaka myinshi
lundi 3 Munyonyo 2014
Umukinyi Ricardo Ferreiro abaye uwa mbere aciriwe igihano kinini n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru. Ico gihano ruhasha kije inyuma yo kwifatira mu gahanga umuhagarikizi. Azosubira guhonyoza amaguru mu kibuga afise imyaka 78.

Inyuma y’urukino rwahuje umurwi Futebol Clube na SC Worb, Ricardo Ferreiro avuka muri Portugal agakinira umurwi w’ubu Suisse Futebol Clube yafashe umupira awutera mu maso y’umuhagarikizi, amutuka ibitutsi bihambaye mu nyuma aca amusuka amazi mu maso. Nk’uko uwo mukinyi yama yabigize aho yakunda gutuka abakinyi n’abamenyereza, Ferreiro yibaza ko igihano kitorenza n’imiburiburi imyaka 2.
None Ricardo yaciriwe igihano kingana gute?
Inyuma y’ico caha, Ricardo Ferreiro yabaye umukinyi wa mbere kw’isi akatiwe igihano kingana imyaka mirongo itanu (50) adahonyoza amaguru mu kibuga. Ferreiro yaramaze gusiba inkino 45 kubera amakosa nkayo ariko ubu hoho birunyutse.
Mwomenya ko Ricardo Ferreira afise imyaka 28, yari yaharitswe burundu ariko kubera hari itegeko rivuga ko igihano cose gifise kigarukira ko, bahisemwo kumucira imyaka 50 adakojeje ukuguru mu kibuga. Baharuye basanze azosubira mu kibuga kw’igenekerezo rya 05 Ruheshi mu mwaka 2064, azoba afise imyaka 78 y’amavuko.
Raba aha munsi uko vyagenze
Cherif Nkeshimana