Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi Salomon Kalou yitwariwe n’igiporisi c’Ubudagi
Umukinyi Salomon Kalou yitwariwe n’igiporisi c’Ubudagi
mardi 17 Ntwarante 2015
Umukinyi mpuzamakungu Salomon Kalou ashobora gucibwa ihadabu ry’ibihumbi 10 vy’ama euros. Yagirizwa kuba yamanyuye igipande c’uruhome bise "Mur de Berlin".

Salomon Kalou yahoze akina muri Chelsea ubu akina muri Hertha Berlin wo mu Budagi. Igihe Hartha Berlin yakina na Schalke 04 kw’igenekerezo rya 14 Ntwarante, iyo mirwi ikanganya 2-2, Kalou yafashe inyundo amena igipande gitoyi ca "Mur de Berlin kiri mu kibanza c’iratiro citwa East Side Gallery.
Urwo ruhome rwo mu Budagi rwagabura igice c’Ubuseruko n’Uburengero bw’igisagara ca Berlin, rwubatswe kuva mw’ijoro rw’uwa 12 na 13 Myandagaro 1961 gushika 1989. Urwo ruhome rwaciye ruja mu bintu vy’igihugu bikingiwe kuva mu mwaka w’i1991. Kani Alavi arongoye East Side Gallery avuga ko yatangajwe n’uko umukinyi Kalou yabigize imbere y’ama "cameras" y’imboneshakure, ikindi avuga n’uko uwo mukinyi atubashe icibutso c’igihugu.

Igiporisi co mu Budagi cemeza ko camaze kwitwarira umukinyi Kalou Salomon avuka mu gihugu ca Côte d’Ivoire.
Cherif Nkeshimana