Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi Tambwe Hamisi ashobora guhabwa ikirato c’inzahabu
Umukinyi Tambwe Hamisi ashobora guhabwa ikirato c’inzahabu
mardi 22 Ndamukiza 2014
Nk’uko yavuye mu murwi wa Vital’o abikora, Tambwe Hamisi akina mu gihugu ca Tanzaniya ariko avyifatamwo neza aho ashobora no gutwara ikirato c’inzahabu kuko nta n’umwe muri ico gihugu, eka nta n’uwumwabababa mu bitsindo vyinshi.

Tambwe Hamisi asigaye akina mu murwi wa Simba FC wo muri Tanzaniya atagihindutse azotwara ikirato c’inzahabu kuko niwe wa mbere mw’ihiganwa ry’imirwi yo mu cicaro ca mbere. Tambwe Hamisi yahoze ari umusatirizi mu murwi wa Vital’o, amaze kwinjiza ibitsindo 20 mu gihe uwumukurikira afise ibitsindo 14. Ivyo bitsindo bishobora kurenga kuko amahiganwa ntarahera.
Mwomenya ko ikirato c’inzahabu gishobora kuzohabwa Tambwe Amissi ari kimwe mu bushimwe bw’icubahiro bwashizeho n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru (FIFA)
Chérif Nkeshimana
Messages
22 Ndamukiza 2014, 18:16, par mukari
Ni akomere ,atere aja imbere.
Tambwe Hamisi yamanye ubutwari.
akomere cane ,atere iteka igihugu
10 Rusama 2015, 06:10, par alexis shukuluni
amisi tambwe nukinyi mwiza no muburundi tucamukeneye mumurwi serukira gihugu tumwitezeko vyisnhi naho biboneka ko uheruka kugirirwa ishari abarundi turi inyuma yawe
10 Rusama 2015, 06:11, par alexis shukuluni
amisi tambwe nukinyi mwiza no muburundi tucamukeneye mumurwi serukira gihugu tumwitezeko vyisnhi naho biboneka ko uheruka kugirirwa ishari abarundi turi inyuma yawe
10 Rusama 2015, 06:33, par alexis shukuluni
ubu tuzogenda kuri stade tuje kumufa zoza turibesnhi nawe atwinjirize ibitsindo tuzogerageza dufane nkabanyoye iganja vyanka vyakunda urundi tuzotegerezwa tuztegezwa kugera kure kandi na shane 2016 turizeye kotuzogitwa abarundi nico tuzohera :
26 Rusama 2015, 16:02, par NDUWAYO
NDUWAYO NIVYIZA CAN AHUBWO YOKUGEGWA
3 Gitugutu 2015, 15:16, par Nzeyimana Abdul
tambwe nakomere kumuheto yakoze vyiza
28 Ntwarante 2017, 22:03, par Niyukuri Elade
Nukuri Biranezereje Canegose Kub Numvise Ko Umukinyi W’umurundi Ariwe Azohabwa Ikirato C’inzahabu Kuko Nitekarini Kugihugu Akomokamwo No Mumurwi Yavuyemwo Nakomez Natwe Tumuri Inyuma.