Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi Vincent Kompany yuguruye ubunywero
Umukinyi Vincent Kompany yuguruye ubunywero
samedi 19 Ndamukiza 2014
Umukinyi Vincent Kompany yaraye yuguruye inzu y’ibunywero aho abakunzi biwe n’abakunzi b’urukanywa bazohora bakwirikirana inkino zose bongera basoma.

Kizigenza w’umurwi nserukira gihugu w’Ububirigi akanaba kizigenza w’umurwi wa Manchester City yaraye yuguruye inzu y’ubunywero mu gisagara ca Anvers. Muri ubwo bunywero hazokwerekanwa n’amahiganwa y’umupira w’amaguru mu buryo buramvuye.
Kompany bivugwa ko yoba afise amamuko mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru yavuzeko ari umunezero kuri we kubona ashoboye kugira ikintu cegeranya abantu.

Vincent Kompany ati:"imigambi mfise n’uko abantu bomara umwanya mwiza bari kumwe (en bonne compagnie), barye neza bongere basome urukanywa neza baraba n’inkino zihimbaye".
Ubwo bunywero yise"Good Kompany"buzonaberamwo n’ubutambiro aho ibihangange mukuvuza umuziki (DJ) bazoba ariho bari hamwe n’abaririmvyi b’urwaruka.

Chérif Nkeshimana
Messages
19 Ndamukiza 2014, 13:49, par kanaka
Hahaaa,hoya namwe ntu,muje muratohoza neza,none nkumuntu yumva ko Company akinira angleterre yiyumvira iki !ni umubiligi.ntimukaduhe amakuru tubarusha kumenya
19 Ndamukiza 2014, 13:55, par Laurent.
chérif, wibeshe, ntabwo vincent kompany ari kizigenza w’umugwi nserukira gihugu w’ubwongereza, n’umubirigi. Belgique.
19 Ndamukiza 2014, 14:44, par yaya
Ntabwo ari kizigenza w’umugwi w’ubwongereza,muze mutohoza neza,n’uwa Belgique!