Accueil > Ukwemera > Abakristo > Umukuru w’igihugu yasavye abari mu gikorane gushimira Imana yakingiye (...)
Umukuru w’igihugu yasavye abari mu gikorane gushimira Imana yakingiye Uburundi akabi
vendredi 27 Kigarama 2013
I Buye mu ntara ya Ngozi, niho igisabisho categuwe n’umuryango w’umukuru w’igihugu wifatanije n’abanyagihugu bose muri rusangi catanguriye, mu gushimira Imana yo yazigamye Uburundi n’abarundi, eka ndetse yo yabandanije ihezagira Uburundi kuva uyu mwaka ugitangura gushika ubu.
Muri ico gisabisho co gushimira Imana rero, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza akaba yamenyesheje abari aho ko, abari ngaho bose bokwiyumvamwo ko bari mu muryango, mu guhimbaza umunsi mukuru wa Noël, kandi kugira banitegurire hamwe bose umunsi mukuru w’umwaka mushasha, mu gusaba Imana ko umwaka mushasha buca utangura, ko yowukingira akabi, ikawukingira inzankano, indwano n’ibindi bibi. Umukuru w’igihugu akaba yabandanije avuga ko ari akanyamuneza, kandi bakwiye kukigina, kubona Imana yarakingiye Uburundi, igihugu kikaba gitekanye, gifise amahoro n’umutekano.

Ku kibuga citiriwe Urukundo c’i Buye hakaba hari abantu isinzi, abatumire batandukanye harimwo icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, umuhuza w’abarundi, bamwe mu bashikiranganji, abashingamateka, abakenguzamateka, bamwe mu bakuru mu gisirikare, igiporisi, abakozi b’Imana baje bava mu bindi bihugu n’abandi. Abo bose rero bari aho, Petero Nkurunziza akaba yarabashimiye kubona bashoboye kwisikira aho i Buye kugira bifatanye n’umuryango wiwe mu gushimira Imana ukwo yazigamye Uburundi.
Tukaba twobamenyesha ko, muri iyi minsi ico gikorane kizomara, hakazoba inyigisho zitandukanye aho urwaruka, abajejwe intwaro n’abandi bazoza bararonswa inyigisho z’ijambo ry’Imana n’ibindi bikorwa bitandukanye.




IGIHE
Messages
27 Kigarama 2013, 10:12, par Isaac NTIBAGIRIRWA
Ese Imana data rugira vyose yaremye ijuru nisi yokwumva amasengesho ou ibisabisho vy’abana bayo maze ikagumiza uburundi mumabko yayo, hagasasagizwa amahoro yayo icishije munzira zayo zitazwi igitigiri. Amen.
27 Kigarama 2013, 13:22, par jane
Turagusavye Mana wumve ivyo umukuru w’igihugu yavuze, maze ukingire akabi Uburundi mu kumubuza gusubira kwitoza ikiringo kigira gatatu kuko twohava dusubira mungwano, abawe bagahwera nkuko vyabaye mu myaka yahera. Iyo hataba wewe Imana imbonerakure ziba zaratumaze. Amen
27 Kigarama 2013, 19:22, par Rwema
@igihe, bandika u Burundi ntibandika Uburundi!
27 Kigarama 2013, 19:52, par KAZUNGU
NDASHIMIYE UMUKURU W’IGIHUGU KUMASENGESHO YADUSABIYE. NOMUSABAKO NAWE YOKWITEGURA UBUNYENE AGISHIRA MUNGIRO IVYO YASAVYE IMANA CANE CANE MUMUTEKANO, MUGATEKA KAMUNTU,KURYA YAHORA ASHIKA AHUBATSWE ISHURE ABE ARIKO ASHIKA AHICIWE UMUNTU NAHO YOBA UMWE UKWARI KWOSE KANDI AKAGIRA ICO AKOZE HAMA IVYO BITA AMAREMENTANYA BIGAFUTWA.KUGATEKA KAMUNTU.TUMWIBUKA CANE MUGATUMBA NAHO YAJ ACERWA MR6 IMANA IHEZAGIRE IBIKORWA VYIWE.AMEN
27 Kigarama 2013, 21:35, par Tollo
Nanje nda mushimiye hanoho jacobu zuma yatanze nibintu vyinshi ku bantu bashaje none we yatanze iki?
28 Kigarama 2013, 03:22, par Mama
Ijambo ry’Imana ntirigendagusa arikoharagowe abaryumva bakazibira amatwiyabo, arikondababwize ukuri uwomukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza ningabire Imana yahaye abarundi, Uvyemere uvyanke yarabikoze abarogota nibakomeze ntabwo Nkurunziza azobikubaza kibirengeye akubonera mumpisho kukowewe abonavyose akabona nibirimumwiza. Ndangijemvugako mwese murabantubeza ariko iconzi arikibi numurwanizi w’Imana nabantu. Naqgasanga murakihana.
28 Kigarama 2013, 08:20, par Muhanuzi
Yemwe,nzokwemerako yakijijwe ata biziga nsubiye kwumva bitorwa kandi batwawe bakomeye n’igipolisi ciwe(SNR)!
Nayo ivyo gutayaya ngo bariko barasenga ni ama Émotions gusa!
Bohenda abatazi Gukizwa ico arico nayo ivyo bahagazeko ni ivyotembagazwa n’Umugere w’Imbwebwe!
28 Kigarama 2013, 14:40, par dunira
Gusenga nikimwe gutwara nikindi simbona iyo reresi yitwa ngo ni yo gushimira imana ngo yarakingiye uburundi ahubwo bariko bashimira guba yubamwe ku Burundi ikadutwara isoko abavyeyi none n´abarokotse bapfanye intekera kumutwe . Ahubwo abahendwa baracariho erega yigize kiranga ca kera noneho kuko mukubandwa yakoranya abamwegereye bonse agaheza akabaha inyigisho kugira nabo igihe vyashitse nabo bafate uwomwuga aribo bita ibishegu vya Kiranga mugabo kiranga ntiyashima ibitarivyo . Nabanze akorere igihugu bemere Ivyo Abashingantahe bashiteko hanyuma aregucanishamwo abarundi
30 Kigarama 2013, 09:15, par Bagangu irakoze
Dushimile uwiteka guko niwe ashobora vyose