Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Inkino \BB FOOTBALL
Petero Nkurunziza aravuga uko yokinisha abakuru b’ibihugu vyo mu karere ka EAC
Yanditswe taliki ya 14-03-2015 - isaha 12:07'

Mu kiganiro caciye kuri BBC Gahuzamiryango, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yerekanye uko yokinisha mu rukino rw’umupira w’amaguru, abakuru b’ibihugu bo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko hamwe yosabwa gutegura umurwi.

Umumenyeshamakuru wo kuri BBC ati :"Petero Nkurunziza umukinyi w’umupira w’amaguru mbere akaba yarabaye n’umumenyereza wawo, ico mutari muzi n’uko azi ingene yokinisha bagenzi we bo mw’ishirahamwe ry’Afrika y’Ubuseruko canke East African Community, hamwe boba bashaka kugira umurwi w’umupira w’amaguru, umviriza ingene yobatondeka".

Umukuru w’igihugu yishuye ati :" Nka jewe nigeze kuba umumenyereza (entreneur) imbere ku nomero 11 noshirako Prezida Uhuru kubera akinisha ibamfu, kandi abantu bakina imbere bakinisha ibamfu, baragora cane abakina mu magoli.

Nka Prezida Kagame kuko ari umuntu anyaruka hirya no hino kandi atiremereye, nibo bakunda gukina hagati, kuko bashobora kwiruka hirya no hino bagafasha n’imbere. Ni ingabirano abantu baba bafise.

Prezida Kikwete uravye ni umuntu yokina neza ku nomero 5, ni umuntu novuga atanga morale ku bantu bakina imbere kugira bafashe gukingira uwuri nw’igoli. Umuntu akina ku nomero 5, ni umuntu aremesha abandi bakinyi bari imbere yiwe.

Hanyuma nkabona ko Prezida Museveni yokina neza mw’igoli. Arakunda kuragira inka. Umuntu akunda kuragira inka, azigendera inyuma. Ni co gituma agiye mw’igoli, aba abona abakinyi bose akabahanura. Hanyuma kandi niwe muntu yinjiza ubwa nyuma, kandi niwe muntu akingira urugo ubwanyuma. Niwe kizigenza.

Ni co gituma ugiye kuraba, nk’urya munyegoli w’ikipe yo muri Cote d’Ivoire, kubera ukumenyera, kubera kandi ari umukurambere mw’ikipe, niwe yatumye itwara igikombe, kubera ko ari we yatsinze igitsindo ca nyuma, hanyuma kandi afata n’igitsindo ca nyuma bagire babatsinde. Turabona neza rero yuko Prezida Museveni yobikora neza mw’igoli."

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ntiyavuze ikibanza nawe yokinamwo.

Ivyiyumviro vyanyu

JEHOCONOBIVUGAKO NAGAHOMERABUNWA MBEGA KAGAME YOKINAZINGA KOYISHINGA GU
TOTEZA ABARUNDI ?

Uwo Mutama Asha Aramara Pe ! Kugapira Nisonga Mbere.

4.02.2017 à 20:03
Ndabaniwe G v Patrick-pajo

Mbe ngo bokina n’uwahe murwi ?Ivyo vyoba bifitaniye isano na politique irikuba muri afrika aho umunyugihugu afatwa nkumupira,abanyipolitique bakinisha mukurondera intsinzi zabo,kuki hatirwa ingene ikibazo c’inzara n’ubukene bihanze abarundi,mbega uwo murwi suwugomba gukina abanyagihugu mukiringo c’umupira.

16.01.2017 à 17:01
Baron

KO MUTAMUBAJIJE NYAKUBAHWA NAWE NURO YOSHOBORA GUKINAKO ? JEWE MBONA NUMERO7 YOZISHOBORA

31.10.2016 à 22:23
ISSA NKESHIMANA

Urwo rukino rwoba urwambere kw’isi rwororererwa n’abantu benshi.

26.10.2016 à 21:22
Pce Amani

Rwoba Ruryosh Urwo Rukino Weee !

9.10.2016 à 08:14
Remy

nzobambona

28.08.2016 à 18:54
nshumbusho

ahaaa !ubwosurworukino,ruzahuza,nde na nde !

16.08.2016 à 22:09
jean claude

ahaaa !ubwosurworukino,ruzahuza,nde na nde !

16.08.2016 à 22:08
jean claude

nivyiza

3.07.2016 à 20:26
nkengurukiyimana

UWARIYE AGAHAGA NTABURA IVYO YADUKANA ABO BAFISE VYISHI BASHAKA GUKINA UMUPIRA HARI ABAKITSWE NAMAGARA IYO BAYAKORESHA MUBUKENE BW’ABANYA EAC BADASIZINYUMA IKIBAZO C’UBURUNDI GITEJE UMUTEKANO MUKE MUGUFASHA ABATAYE IZABO

5.08.2015 à 15:44
DARCY BHA

reka ndababarire arabura gukora akazi ke none ar mu mahomvu

21.03.2015 à 08:07
koso

ariko nkurunziza araiko adutangaza cane ukunta asigaye atwarigihu bamubaza ngo agire icavuze ahumurize abarundi kbiba biriko biraba ku ntwaro yiwe ntavuge mugabo niwumve kubona uko abapresida bokina vyovyo arabibonye ;narindire gato azoza kabamenyereza ariko kazi konyene hageze ;

20.03.2015 à 11:41
ninquin

Iyo nka H>E Kagame arara adasinziriye yibaza ukuntu apanga ba Mu7, Uhuru ukuntu boha Rwanda electricity iva muri Kenya wewe arara amajoro yiyumvira kubakinisha Football gusa ?? Ibaze nawe Delestage aho igejeje abarundi nawe akaba yibereye gupanga equipe ya Foot. Ko atatubwiye ingene yobahanura mw’iterambere abateza ama Avocats ?? Hanyuma ngo 3 eme mandat !!! Burundi warakubiswe ukiriko.

16.03.2015 à 19:03
Nkunduburundi

Noneho ntibigikunze kuko iminsi yawe NKuru iraharuwe uzoba umumenyereza mu Mpimba niwagir’Imana ni La haye

16.03.2015 à 00:07
Santos

Eh eh petero araciye ubwenge kabisa. La maïeutique, muhe ikidari

15.03.2015 à 23:01
madani karenge

Abandi bakuru b’ibihugu vyp muri aka karere barazwa ishinga ryo guteza imbere ibihugu vyabo, nawe akarazwa ishinga n’ukuntu yobakinisha gusa. Ko abona abarusha kuvyumva, ntiyoshigikira bimwe biboneka umurwi nserukiragihugu intamba mu rugamba, akawuha uburyo ukaduserukira muri CAN binashobotse muri coupe du monde ? Murazi abakinyi b’aba professionnelles bari muri Europe bipfuje kudukinira ariko bikanka ko baronswa au moins ticket d’avion uko bangana ? Akarorero ni Saido BERAHINO ubu equipe y’ubwongereza yamaze kumutwara, tutibagiye na Gael BIGIRIMANA.

15.03.2015 à 10:56
muco

Jewe nisunze ijambo yatanguriyeko rivugango : Nkajewe nigeze kuba umumenyereza. Iryojambo ricarituma niyumvisha ko wewe yoba prezida Nkurunziza yashatse kuvugako yoba UMUMENYEREZA !?.

14.03.2015 à 16:58
Nuwera

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.