Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umunyafrika kw’isonga ry’abakinyi 20 kw’isi yose banyaruka kurusha (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umunyafrika kw’isonga ry’abakinyi 20 kw’isi yose banyaruka kurusha (...)

Umunyafrika kw’isonga ry’abakinyi 20 kw’isi yose banyaruka kurusha abandi

mardi 16 Nyakanga 2014

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi yose ryasohoye urutonde rw’abakinyi 20 b’umupira w’amaguru, banyaruka kurusha abandi. Urwo rutonde rwasohotse kuri uwu wa mbere rusa n’urutangaje, kuko abakinyi benshi b’ibihangange twahora twibaza ko aribo banyaruka kurusha abandi ntibari mu bibanza vy’imbere.

Ikibanza ca mbere cafashe umukinyi w’umunyafurika, Mathis Bolly, akomoka mu gihugu ca Cote d’Ivoire, akaba akinira umurwi wa Düsseldor, mu gihugu c’Ubudagi. Abandi b’ibihangange nka Lionel Messi, Cristiano Ronaldo, Arjen Robben, nta n’umwe ari no muri batanu ba mbere.

Urutonde rw’ingene abo bakinyi bakurikirana, n’imirwi bakinira :

1. Mathis Bolly : Düsseldor mu Budagi

2. Theo Walcott : Arsenal mu Bwongereza

3. Jonathan Biabiany : Parme mu Butariyano

4. Pierre-Emerick Aubameyang : Dortmund mu Budagi

5. Dominic Oduro : Toronto muri Canada

6. Gareth Bale : Real Madrid Muri Espagne

7. Cedrick Mabwati : Osasuna Espagne

8. Fahad Al-Muwallad : Al-Ittihad muri Arabie Saudite

9. Kekuta Manneh : Vancouver muri Canada

10. Ryo Miyaichi : Arsenal mu Bwongereza

11. Nnamdi Oduamadi : Crotone

12. Arjen Robben : Bayern Munich mu Budagi

13. Raheem Sterling : Liverpool mu Bwongereza

14. Cristiano Ronaldo : Real Madrid muri Espagne

15. Lucas Moura : PSG mu Bufaransa

16. Juan Cuadrado : Fiorentina mu Butariyano

17. Gervinho : AS Roma mu Butariyano

18. Lionel Messi : FC Barcelone muri Espagne

19. Obafemi Martins : Seattle muri Reta zunze ubumwe za Amerika

20. DeAndre Yedlin : Seattle


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.