Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi Le Messager Ngozi waratsinzwe n’umurwi wa Athletico
Umurwi Le Messager Ngozi waratsinzwe n’umurwi wa Athletico
vendredi 18 Nzero 2013
Ku kibuga c’I Buye kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 16 Nzero 2013 umurwi wa Athletico waratahukanye amanota atatu uyatwaye umurwi Le Messager Ngozi inyuma yo kuwutsinda ibitsindo bibiri ku gitsindo kimwe ca Le Messager Ngozi.
Ku munota wa mbere w’urukino umukinyi Enock Nsabumukama wa Le Messager Ngozi niho yatera mw’igori ry’umurwi wa Athletico.Ikibuga kikaba cumvikanamwo amajwi ya vuvuzera na burya umurwi Le Messager wakinira muhira ariko ivyo ntivyabujije umurwi wa Athletico kubandanya neza kuko k’umunota wa 5 bivuye k’uguhagarara nabi kw’umukinyi w’inyuma wa Le Messager, Hussein Ciza umusatirizi wa Athletico yaratsinze igitsindo ca mbere c’umurwi wa Athletico.
Kuva kuri uwo mwanya abamenyereza bose vyaranse ko bicara yaba Amars Niyongabo umumenyereza wa Athletico yagomba kugumana iyo ntsinzi mbere no gutsinda igitsindo ca kabiri mu gihe umumenyereza wa Le Messager wewe yagomba kugombora ico gitsindo bari binjijwe.
Umumenyereza wa Le Messager Ngozi Richard Ebwele Cappelo ngo mu gihe ari mushasha agomba kwerekana ko abishoboye naho nyene yatsinzwe k’urukino rwa mbere bikaba bizomusaba inguvu nyinshi mu gihe yatsindiwe ku kibuga ciwe.
Ku munota wa 40 Athletico yarinjije igitsindo ca kabiri ariko inyuma y’iminota itatu gusa umukinyi Miburo Bonne Chance yaratsinze igitsindo ca Le Messager FC caje ku bahoza amarira.Urukino rukaba rwarangiye ibintu bikimeze ukwo ku bitsindo bibiri vya Athletico n’igitsindo kimwe ca Le Messager.
Twobamenyeshako umurwi wa Athletico uheruka gutakaza abakinyi batari bake nka Didier Kavumbagu,Kwizera Pierrot yagiye mu gihugu ca Côte d’Ivoire n’abandi.
Mugisha Van Naris
Messages
7 Mukakaro 2015, 23:50, par METHODE ALEX
IBINTU BAVUGA VYOBA IVYO? VYA MAVUGO KUGENDA MURI SIMBA T Z
18 Ruhuhuma 2017, 12:26, par Ningabire desire
non abobakiny simwebwe mwabatanze mubibon namw nimuronder abandi
3 Ndamukiza 2018, 08:34, par nzigendakoserges
ndabaramukije bavandimw murukukwezi hateguw inkinoizahe nkunda Messager