IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > volley-ball > Umurwi nserukiragihugu wa volley ball ntaco wayaze i Kigali

Umurwi nserukiragihugu wa volley ball ntaco wayaze i Kigali

jeudi 5 Kigarama 2013

Umurwi nserukira gihugu w’Uburundi mu mupira w’amaboko Volley ball, uherutse gutahuka uvuye mu mahiganwa y’urwo rukino yariko abera mu Rwanda, yahuza ibihugu bigize akarere ka gatanu (zone 5).

Mu kwitegurira ayo mahiganwa, tubibutse ko amashirahamwe y’umupira w’amaboko muri Africa (CAVEB) yarungikiye Uburundi umuhinga mu vyo kumenyereza umupira w’amaboko Volley ball. Yende Lavoisier, aturuka mu gihugu ca Cameroun, asanzwe amenyereza umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaboko wa Gabon, niwe yari yatowe kugira aze kwunganira abamenyereza bo mu Burundi, mu kwitegurira ayo mahiganwa. Imyimenyerezo yagenze neza cane, n’umunyamahanga Yende yarabishimye, mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE. Haheze ukwezi bari mu myimenyerezo, abakinyi baciye batwarwa mw’i hoteri Kibunoah gufata akaruhuko k’iminsi 3, kugira bazoje guhiganwa bafise amagara aruhutse. Isango rigeze, umurwi w’Uburundi waruriye imodoka yabashikanye imbere y’i hoteri La Palisse iri i Kigali.

Ku kibuga « Stade Amahoro »niho umurwi w’Uburundi wakina urukino rwa mbere n’umrwi w’Urwanda. Muri urwo rukino, iyo mirwi yakinye incuro 3 bimwe bita « sept », izo zose zatahukanywe n’Urwanda ku manota( 53-75). Bukeye kw’igenekerezo rya 27 Munyonyo, umurwi w’Ubuganda utsinda uw’Uburundi ku manota( 57-75). Ku ncuro ya gatatu, umurwi w’Uburundi winjiye mu kibuga, watanye mu mitwe n’umurwi wa Egiputa. Nk’uko amakuru dukesha umurongo ntangazamakuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaboko (FIVB) abimenyesha, naho umurwi w’Uburundi watsinzwe ku manota(47-75), umukinyi Briand Mugabowingabo yarakinye neza cane, ku buryo Egiputa bitayorohera cane kuronka amanota. Umurwi w’Uburundi uca urasezera amahiganwa.

Mu nkino zahuza, ibihugu: Uganda, Uburundi, Urwanda, Kenya, na Egiputa, ico gihugu ca nyuma ni co catwaye igikombe c’inzahabu ku manota 11, gica kiba igihugu ca mbere muri Afrika yose. Hakwirikiye Urwanda (cabereyemwo amahiganwa) ku manota 8 vyanganije na Kenya. Ivyo bibiri vyanganije vyatahukanye ibikombe vy’umujumbu. Ubuganda bwaronse amanota 3, Uburundi 0, buca butaha zayoye.

Eka n’ubushimwe butandukanye bwagiye buhabwa abakinyi bitwaye neza muri izo nk ‘ino. Abakinyi bo mu Rwanda: Lawrence Yakan Guma, Christophe Mukunzi, bararonkejwe ubushimwe. Muri Egiputa ubushimwe bwaronkejwe abakinyi : Reda Mohamed, Youssouf Hossam na Elkob Ahmed, na Philip Maiyo wo muri kenya.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Urakoze kur’iyo nkuru!

    Turaremesheje umugwi w’igihugu cacu, ababijejwe bosabwa gushira uburyo mur’uwo rukino, umugwi umenyere amahiganwa, uzoheza utsinde hanyuma!
    Natwe mugushigikira uwo mupira dutere intege abawukina, ntitubazomere!

  • kuba bahageze n’ikimenyetso ciza kandi n’ibindi bazobishikira turabizeye.TURABATEYE INTEGE!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.