Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi mu mupira w’amaguru Intamba mu rugamba wungutse ibibanza 21 ku rutonde rwama rusohorwa n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi Fifa,uko ukwezi guheze.
Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi wavuye mu kibanza c’134 kiza mu kibanza c’113 carimwo mu kwezi kwa Mukakaro.
Ibindi bihugu vyo ku mugabane wa Afrika vyateye imbere ni Cap-Vert yungutse ibibanza 15,Benin yungutse ibibanza 15,Centrafrique yungutse ibibanza 42, na Mauritanie yungutse ibibanza 25 ica iza mu bihugu 100 vya mbere kw’isi.
Ibindi bihugu vyateye imbere cane ni igihugu ca Sudani y’Epfo cungutse ibibanza 54 hamwe na Liberia iza mu kibanza ca 95 inyuma yo gutera imbere ibibanza 65 mu kwezi kumwe gusa.
Naho hari ibihugu vyateye imbere,igihugu ca Niger casubiye inyuma ibibanza 19,kikaba cavuye mu kibanza c’101 kija mu kibanza c’120.
Ibihugu biza imbere ku mugabane wa Afrika ni Algerie,Cote d’Ivoire,Ghana ,Tiniziya na Senegal.
nibashik mukibug ntiz bibagir igisabish imana ibarons icabajany natw tur ku gisabish imana ibaj imber