Accueil > Inkino > FOOTBALL > Intamba mu rugamba : Abatarenza imyaka 20 bashitse i Kigali (...)
Intamba mu rugamba : Abatarenza imyaka 20 bashitse i Kigali kwitegura
mercredi 26 Ntwarante 2014
Umurwi w’intamba mu Rugamba w’abafise munsi y’imyaka 20 ubarizwa mu gihugu c’Urwanda. Witavye urukino rwa kivandimwe ruzowuhuza n’umurwi w’Amavubi wo muri ico gihugu. Ni mu ntumbero yo kwitegurira urukino ruzohuza umurwi w’Uburundi n’umurwi wa Djibouti mu ntango za Ndamukiza.

Mu gihe hasigaye iminsi idashika 7 kugira Intamba mu Rugamba zifise munsi y’imyaka 20 zitabe urukino ruzowuhuza n’umurwi wa Djibouti ruzoba kw’igenekerezo rya 4 Ndamukiza muri ico gihugu nyene, imyiteguro irabandanya mu nkino za kivandimwe. Ni muri iyo ntumbero abakinyi b’abarundi bari i Kigali, aho bukera kw’igenekerezao rya 27 bazokina urukino rwa kivandimwe n’umurwi w’Amavubi yo mu Rwanda.
Mwomenyako imbere yo gufata urwo rugendo, umurwi w’Intamba mu Rugamba wahuye n’umurwi wa Messager Ngozi ku kibuga Rukundo co muri iyo ntara nyene. Urukino rwaheze ku gitsindo kimwe c’Intamba mu rugamba ku busa bwa Messager Ngozi. Urundi rukino rwahuje umurwi w’Intamba mu rugamba n’umurwi wa Inter FC, hari ku kibuga citiriwe umuganwa Ludoviko Rwagasore. Iyo mirwi yompi yatahanye ubusa ku bundi.

Abakinyi b’Intamba mu rugamba batarerarenza imyaka mirongo ibiri batowe ni :
Fabrice Messi : Ludic Burundi Academic
Bruce : Vital’O FC
Hussein : Messager de Bujumbura
Bienvenue : Messager de Ngozi
Moussa Omar : Flambeau de l’Est
David Nshimirimana : Flambeau de l’Est
Patient Muhuza : Royal FC
Uwayezu Nice : Messager de Bujumbura
Issa Hakizimana : Lydia Ludic Burundi Academic
Nassor : Athletico FC
Pascal : Lydia Ludic Burundi Academic
Fofo : Vital’O FC
Emery : Ludic Burundi Academic
Hassan : Inter Star FC
Idrissa Ramadhan : Messager de Bujumbura
Alexis : Athletico FC
Kevin : Athletico FC
Enock : Messager de Ngozi
Olivier : Messager de Ngozi
Manu : Lydia Ludic Burundi Academic
Trésor : Athletico
Chérif Nkeshimana
Messages
15 Rusama 2016, 11:00, par oscar
intamba junio zizokinaryari na nigeria urutonde
13 Myandagaro 2018, 21:15, par Eric uwitonze alias nibebe
None ko intamb murugamb zabari musi yimyaka 20 zizokna muntang zandamukiza zikura na djibouti, hazoba ari mu mwaka uza canke zarahejeje gukna?