Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi wa Chelsea watanguye umwaka nabi
Umurwi wa Chelsea watanguye umwaka nabi
vendredi 2 Nzero 2015
Umurwi wa Chelsea wahora kw’isonga mu mahiganwa yo mu Bwongereza waraye utakaje ikibanza mu gutsindwa na Tottenham ufise ikibanza c’indwi.
- Chadli mu munezero
Mu rukino rw’umunsi ugira uwa mirongo ibiri y’amahiganwa y’umupira w’amaguru mu Bwongereza, Chelsea yakiriye Tottenham ku kibuga "White Hart Lane". Muri urwo rukino, Chelsea ntiyorohewe. Igitsindo ca mbere cuguruwe na Chelsea kubwa Diego Costa yahoze muri Atletico Madrid ku munota wa 18. Ico gitsindo nticaciye intege abakinyi ba Tottenham. Ku munota wa 31, Harry Kane yinjije ico kunganya. Kuva aho Chelsea ntiyasubiye kworoherwa, umukinyi Danny Rose yinjije ica kabiri ku munota wa 44. Inyuma y’iminota ine, kw’ikosa rigizwe na Cahill wa Chlsea kuri Harry Kane, bahanishije "Penalty", umukinyi Andros Townsend arayinjiza. Imbere y’uko igice ca mbere gihera Chelsea yinjijwe bitatu kuri kimwe (3-1).
Umukinyi Harry Kane wa Tottenham ntiyavyoroheje, bagarutse mu gice ca kabiri c’urukino, yashitse yinjiza ica kane ku mupira ahawe na mugenzi we Chadli hari ku munota wa 53 (4-1). Hazard arahebera indarangavye mu kwinjiza igitsindo ca kabiri (4-2). Urukino Chelsea yakinye ntaryo yari bwabone kuva amahiganwa atangura. Ku munota wa 78, Chadli yinjije igitsindo ca gatanu (5-2), imbere y’uko John Terry agabanya ububabare bwa Chelsea mu kwinjiza igitsindo ca gatatu kuri bitanu vya Tottenham (5-3).
Umunezero ni wose ku bakinyi n’abakunzi b’umurwi wa Tottenham bashoboye gutsinda igihangange nka Chelsea.

Mwomenya ko Chelsea yahora kw’isonga yaciye inganya amanota na Manchester City ihejeje kwirahira Sunderland bitatu kuri bibiri (3-2).


Raba uko ibitsindo vyinjiye :
Cherif Nkeshimana
Messages
2 Nzero 2015, 15:17, par Ngarama
Chelsea ntiyari ku kibuga cayo
4 Nzero 2015, 17:55, par Chelsea fan
Chelsea iracari mu kibanza ca mbere ca Premier League n’aho inganya amanota na Man City. Nta kibanza iratakaza, N’ubwo banganya inkino (20) n’amanota (46) , urutonde rukurikiza indome zitangura z’imirwi (Ordre alpahbetique) rutuma Chelsea iguma ari iya mbere
5 Nzero 2015, 16:47, par Kiza
Ivyo Ntibiduterubwoba Kuko Chersea Idasanzwe Morigno Ariho Kubwacu