Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi wa Flambeau de l’Est watsindiwe i Garoua uba urasezeye (...)
Umurwi wa Flambeau de l’Est watsindiwe i Garoua uba urasezeye amahiganwa
lundi 10 Ntwarante 2014
Umurwi wa Flambeau de l’Est waratanye mu mitwe ku munsi w’ejo kuw’Imana n’umurwi wa Cotton Sport de Garoua wo mu gihugu ca Cameroun. Urukino ntirworoheye umurwi waserukiye Uburundi kuko gutsindwa kwawo ibitsindo bitanu ku busa kwavuyemwo gusezera amahiganwa.

Kuva igihe c’isaha icenda n’inusu (15h30) ku masaha y’i Garoua, isaha icumi n’inusu (16h30) ku masaha y’i Bujumbura, ku kibuga ca Omnisport Roumde Adjia kiri i Garoua, mu gihugu ca Cameroun, imirwi ya Flambeau de l’Est n’umurwi wa Cotton Sport de Garoua. Urwo rukino rwo gusubiza ntirworoheye n’agato umurwi Flambeau de l’Est wo Burundi.
Ku bitsindo bitanu vy’umurwi wa Cameroun ku busa bwa Flambeau de l’Est (5-0), uwo murwi waciye usezera inkino za Afrika z’imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vy’abo (Ligue des Champions de la CAF).

Mwomenya ko abakinyi ba Flambeau de l’Est bashitse i Garoua mw’ijoro ryo ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 07 Ntwarante, uburuhe bw’urugendo n’ubushuhe burenze cane bwo muri ako karere ntivyaborohereje. Baciye bagira imyimenyerezo bukeye bwaho. Igihe bari bahejeje gutsinda umurwi wa Cotton Sport i Bujumbura, mu rukino rwa mbere rwabereye mu Burundi, umumenyereza wa Cotton Sport de Garoua yamenyesheje ko mu mikenyuro bafise harimwo ubushuhe bw’i Garoua butazokworohereza abarundi.

Cherif Nkeshimana
Messages
10 Ntwarante 2014, 15:51, par Kevin
Murukino nuko nyene bimeze,hab uwutsinda n’uwutsindwa.pole sana flamb de l’est.
11 Ntwarante 2014, 15:13, par Mudagi Jean
Poleni sana