Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi wa Flambeau de l’Est washitse i Garoua muri Cameroun
Umurwi wa Flambeau de l’Est washitse i Garoua muri Cameroun
samedi 8 Ntwarante 2014
Umurwi wa Flambeau de l’Est warashitse mu gihugu ca Cameroun ku munsi w’ejo kuwa gatanu, aho ugiye kwitaba inkino z’imirwi y’umupira w’amaguru yabaye iya mbere iwayo. Uwo murwi ugiye mu rukino rwo gusubiza.

Umurwi wa Flambeau de l’Est uriko userukira Uburundi mu mahiganwa yo ku mugabane wa Afrika ahuza imirwi yabaye iya mbere iwabo. Uwo murwi waraye ushitse mu gisagara ca Garoua abakinyi barushe cane kubera urugendo runini bafashe kuva ku munsi wa kane.
Gakunzi Elvis, umumenyashakuru w’insamirizi y’Uburundi, yavuze mu kiganiro c’inkino, ku mw’ijoro ry’ejo kuwa gatanu, ku nsamirizi y’Uburundi ko ariho bagishika mu gisagara ca Garoua kiri mu buraruko bwa Cameroun, kandi ko barushe cane. Kuri ngendanwa y’umumenyeshamakuru Elvis, umumenyereza wa Flambeau de l’Est, Olivier Niyungeko nta vyinshi yavuze kiretse ko yasavye Abarundi bose gushigikira abavuka gihugu babo. Elvis yamenyesheje ko babakiriye neza, ko n’abajejwe umutekano bari bagiye kubategera.
Nta vyinshi yashoboye kuvuga, nko ku bijanye n’uko amagara y’abakinyi yoba yifashe inyuma y’urwo rugendo. Imyimenyerezo itangura uyu munsi wa gatandatu, urukino narwo ruzoba ku munsi w’ejo kuw’Imana igenekerezo rya 09 Ntwarante, igihe c’isaha icenda n’inusu z’i Garoua (15h30) hazoba ari isaha icumi n’unusu (16h30) ku masaha yo mu Burundi.
Urukino rwa mbere rwabereye ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore c’i Bujumbura rwahuje uwo murwi wa Flambeau de l’Est, hamwe n’umurwi wa Coton Sport de Garoua wo mu gihugu ca Cameroun rwaheze ku ntsinzi y’igitsindo kimwe c’umurwi wa Flambeau de L’Est ku busa bwa Cotton Sport de Garoua (1-0).

Chérif Nkeshimana
Messages
8 Ntwarante 2014, 16:24, par Nkuru
Nibihangane nikobimeze Imana ibafashe abantu bababajezwe gutegura mwenizongendo nibabe bategura ukuntubagenda kare ingendo za ma bus nikozimeze.