Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Real Madrid ifise akazi kenshi mu rukino rwo gusubiza na Bayern - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Real Madrid ifise akazi kenshi mu rukino rwo gusubiza na Bayern

Real Madrid ifise akazi kenshi mu rukino rwo gusubiza na Bayern

jeudi 24 Ndamukiza 2014

Inkino za mbere z’igice ca kabiri gishira ica nyuma muri Champions League caraye kirangijwe n’urukino rwahuje umurwi wa Real Madrid na Bayern Munich. Urukino rwari rukomeye ku kibuga ca Real Madrid, rwaheze Pep Guardiola atsinzwe igitsindo kimwe ku busa (1-0).

Ku kibuga ca Santiago Barnabeu kiri mu gisagara ca Madrid niho abakinyi b’umumenyereza Pep Guardiola wa Bayern Munich batsindirwa igitsindo kimwe ku busa (1-0). Igitsindo cinjijwe na Karim Benzema ku munota wa 19, uwo musatitizi ari muri rwa runani bise BBC (Benzema, Bale na Cristiano).

Urwo rukino rwari rwitezwe n’abantu isinzi nk’uko vyama biba igihe amahiganwa ageze ku gice ca kabiri gishira ica nyuma. Ikindi naco n’uko iyo mirwi yerekana ubuhinga buhanitse. Umurwi wa Bayern Munich ufise igihagararo kuko ari nawo watwaye igikombe ca Champions League mu mwaka uheze. Naho waraye utsinzwe barasigaje iyindi minota 90 mu rukino rwo gusubiza, kandi hoho bazoba bari ku kibuga cabo.

Bayern Munich niwo murwi uri kw’isonga mw’ihiganwa ryo mu Budagi, Real Madrid igira 3 inyuma ya Atletico Madrid na FC Barcelone mw’ihiganwa ryo muri Espagne.
Urwo rukino rwabonetsemwo ikarata y’umuhondo imwe yahawe umukinyi Isco wa Real Madrid ku munota wa 57.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.