Accueil > Inkino > FOOTBALL > Real Madrid ifise akazi kenshi mu rukino rwo gusubiza na Bayern
Real Madrid ifise akazi kenshi mu rukino rwo gusubiza na Bayern
jeudi 24 Ndamukiza 2014
Inkino za mbere z’igice ca kabiri gishira ica nyuma muri Champions League caraye kirangijwe n’urukino rwahuje umurwi wa Real Madrid na Bayern Munich. Urukino rwari rukomeye ku kibuga ca Real Madrid, rwaheze Pep Guardiola atsinzwe igitsindo kimwe ku busa (1-0).

Ku kibuga ca Santiago Barnabeu kiri mu gisagara ca Madrid niho abakinyi b’umumenyereza Pep Guardiola wa Bayern Munich batsindirwa igitsindo kimwe ku busa (1-0). Igitsindo cinjijwe na Karim Benzema ku munota wa 19, uwo musatitizi ari muri rwa runani bise BBC (Benzema, Bale na Cristiano).
Urwo rukino rwari rwitezwe n’abantu isinzi nk’uko vyama biba igihe amahiganwa ageze ku gice ca kabiri gishira ica nyuma. Ikindi naco n’uko iyo mirwi yerekana ubuhinga buhanitse. Umurwi wa Bayern Munich ufise igihagararo kuko ari nawo watwaye igikombe ca Champions League mu mwaka uheze. Naho waraye utsinzwe barasigaje iyindi minota 90 mu rukino rwo gusubiza, kandi hoho bazoba bari ku kibuga cabo.
Bayern Munich niwo murwi uri kw’isonga mw’ihiganwa ryo mu Budagi, Real Madrid igira 3 inyuma ya Atletico Madrid na FC Barcelone mw’ihiganwa ryo muri Espagne.
Urwo rukino rwabonetsemwo ikarata y’umuhondo imwe yahawe umukinyi Isco wa Real Madrid ku munota wa 57.


Chérif Nkeshimana
Messages
18 Ndamukiza 2017, 22:51, par Sinzoyiheba
Nuk Real Madrid Itegerezw Kubikor.
31 Mukakaro 2017, 19:50, par Ndayishimiye Mariu Kumuzenga Mwisare
reyare Izobikora Nigihe Ca Reyare
5 Nzero 2018, 20:20, par Schadrack
Real Madrid Izobikora Kuk Ndayifana
5 Ruhuhuma 2018, 20:29, par j-marie
izo bikora kuko niko yamye
1er Rusama 2018, 17:29, par Lionel Saf
Birazwik Nyakatse Itsindwa Nayo Siyind Ni Real Madrid Yavuye W C Fana Barcelona Inyamuryi Reka I Wc Nay Ni Real
24 Myandagaro 2018, 22:53, par INTEYITEKA BLAISE MURUTANA FANA REAL MADRID
Munt wes ugomb k umurw ufan ntuj ahand nimur real madrid gus ntahand ukaj ahand uriham
7 Gitugutu 2018, 22:26, par Sabuzoya Erick
Jew Nitwasabuzoya Erick Dakuda Agapira Nfana Reyare Kwidantsida