Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi wa Real Madrid wategetswe gukurako umusaraba ku kimenyetso (...)
Umurwi wa Real Madrid wategetswe gukurako umusaraba ku kimenyetso cawo
vendredi 28 Munyonyo 2014
Umurwi wa Real Madrid wahinduye ikimenyetso cahora kiwuranga. Ni ku mpavu yo kuninahaza ibanki y’abarabu yawuguze ari nayo yategetse guhindura ikimenyetso c’umusaraba.

Inyuma yaho umurwi wa Real Madrid uguzwe n’ibanki ya mbere itunze mu bihugu vy’abarabu (Banque Nationale d’Abou Dhabi) bakagirana amasezerano y’imyaka itatu, iyo banki yategetse uwo murwi gukurako ikimenyetso c’umusaraba cari kw’isonga.
Nk’uko ibimenyeshamakuru vyo mu gihugu ca Espagne kibivuga, iyo ngingo yafashwe n’iyo banki kugira bubahirize abitura iyo banki mu kwemera kw’aba Isilamu bagwiriye mu bihugu vy’abarabu.
Iyo ngingo ntibayihurijeko kuko abamenyeshamakuru basavye ko ico kimenyetso c’umusaraba werekana idini rya Katorika cokurwa kw’ikarata yo gukura amahera muri banki gusa" Carte de Credit " ariko ikimenyetso c’umurwi k’umugabane w’iburaya kigumeko umusaraba w’idini rya Katorika.
Cherif Nkeshimana
Messages
28 Munyonyo 2014, 20:04, par Nuwera
Bavyitango bazamumwihakane.
29 Munyonyo 2014, 18:53, par Jason
abo bakozi bakozi ba satani baja hehe?mbega bahinduy iki mwibaza ko uwo musaraba wari umwe Yesukristo yabambgeko wari umusaraba wagisatani kuko iyo misaraba ntireha ntikoz kumwe urabany ubuhinga ntisa"kandi ntaho bagiy ntaho bavuy kuko nubu raba mw’ifoto neza witonz uraza gusangamwo ijambo"fmc"bisigura freemason"menya Ukuri Bantu Bikigihe .Satan Ariko Arakora Nubu"mbega Kugugwa Nibanki Y’abarabu Ho?????????!/
30 Munyonyo 2014, 17:03, par Nuwera
Umusaraba ntanahamwe kiremwamuntu kizowuhungira, urarabaneza inzutubamwo zirwiriyemwo ibimenyetso vyimisaraba muvuumabaterateranya usangamwo urunyurangane rwimisaraba, bubakanamatafali urazorebaneza uzosangamwo urunyurangane rwimisaraba, mububati, munzugi, mumodoka, ukumuntu aremwe vyosevyerekana umusaraba, mwihakanirumusa uwabambwe kumusaraba yabambiwe uwariwewese (ikiremwamuntu)
30 Munyonyo 2014, 22:41, par jason
ego nuwera uvuz ko ariko tuyiravy neza hariho itandukaniro ryayo .iki naco nuko baca babesha abantu ngo kuba barawushizekao ngo bemera kristo.nayo iyaba bashirako uwa kristo vyari so good.mer6 bcp
3 Kigarama 2014, 16:02, par NTAHOMVUKIYE
ico kimenyetso ntaco gitwaye none muri real Madrid bavyakiriye gute?
23 Ruheshi 2015, 21:16, par Chrisbruwn theo
Emwe ntibitangaje kuko nyene imbugita nuwuyifashe ikirind.
4 Mukakaro 2016, 12:54, par Elvis
Non Ko Bategetswe Gukurako Uwo Musaraba Bazoca Bashrako Ikind Kimenyetso Kimez Gute