Urukino hagati y’Uburundi na Sénégal ruzobera i Bujumbura : Abakinyi batumweko

Yanditswe na IGIHE
Kuya 18 mai 2016 saa 12:40
Yasomwe : 32076
0 0

Ihuriro ry’amashirahamwe y’umupira w’amaguru muri Afrika ryemeye ivyari vyasabwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Sénégal, aho ryaheruka kwandikira risaba ko urukino ruzohuza Uburundi na Sénégal kw’igenekerezo rya 4 Ruheshi 2016 rwobera i Bujumbura.
Ivyo bibaye mu gihe ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ryaheruka kumenyesha ko urwo rukino ruzobera mu Rumonge. Abajejwe inkino muri Sénégal baciye basaba ko urwo rukino rwobera i Bujumbura, ahari ikibuga gikwije ivyangombwa (...)

Ihuriro ry’amashirahamwe y’umupira w’amaguru muri Afrika ryemeye ivyari vyasabwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Sénégal, aho ryaheruka kwandikira risaba ko urukino ruzohuza Uburundi na Sénégal kw’igenekerezo rya 4 Ruheshi 2016 rwobera i Bujumbura.

Ivyo bibaye mu gihe ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ryaheruka kumenyesha ko urwo rukino ruzobera mu Rumonge.
Abajejwe inkino muri Sénégal baciye basaba ko urwo rukino rwobera i Bujumbura, ahari ikibuga gikwije ivyangombwa mpuzamakungu.

Augustin Senghor, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Sénégal yari yavuze ko abahinga babo bagenzuye ico kibuga co mu Rumonge, bakaba basanze amabarabara ashika aho mu Rumonge ari mabi, ivyo bikazoruhisha abakinyi ba Sénégal bazova i Bujumbura baja mu Rumonge, akavuga kandi ko batazoronka amahoteri bazoshikiramwo akwije ibisabwa mu rwego rw’ukwakira abakinyi mpuzamakungu. Augustin Senghor yari yavuze kandi ko n’umutekano wo hagati mu gihugu batawizeye.

Urwo rukino ruzobera i Bujumbura kw’igenekerezo rya 4 Ruheshi 2016.

Abakinyi b’Uburundi (INTAMBA MU RUGAMBA) batumweko bose hamwe ni 35, umumenyereza bafise akaba ari Niyungeko Alain Olivier batazira Mutombola. Niyonkuru Vladmir nawe azomenyereza abanyezamu. Abo bakinyi bose uko ari 35 batumweko gutangura imyimenyerezo kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 18 Rusama 2016.

Abanyezamu

Arakaza Mc Arthur / Vital’o FC
Nzokira Jeff / Asas Djibouti Télécom - Djibouti
Rugumandiye Yvan / Muzinga FC

Abakinyi b’inyuma

Nsabiyumva Frédéric / Jomo Cosmos - South africa
Nshimirimana David / Vital’o FC
Ngando Omar / Muzinga FC
Hakizimana Issa / Vital’o FC
Kiza Fataki / Vital’o FC
Harerimana Rashid Léon / LLB s4a
Nizigiyimana Karim / Gor Mahia - Kenya
Rugonumugabo Stéphane / Vital’o FC
Nduwarugira Christophe / Chibuto - Mozambique

Abakinyi bo hagati

Papy Faty / Bidvest University - South Africa
Kwizera Pierre / Rayon sports
Ndayisenga Fwady
Barenge Pistis / Vital’o FC
Nahimana Shasiri / Vital’o FC
Ndikumana Yussuf Lule / LLB s4a
Moustapha Francis/ Muzinga Fc
Harerimana Hapfizi Moussa / DCMP - Kinshassa
Akimana Trésor / Vital’o FC
Mvuyekure Emmanuel
Duhayindavyi Gael / Vital’o FC

Abasatirizi

Ndikumana Yamin Selemani
Fiston Abdoul Razzak / Celtic Bloemfontein - South africa
Ndayisenga Kevin Dambo / Buja city
Hussein Shabani Tchabalala / Vital’o FC
Laudit Mavugo / Vital’o FC
Moussa Mossi / Vital’o FC
André Tokoto / Athletico Olympic
Juhainy Uthuman Cheikh / Chibuto-Mozambique
Cedric Amissi / Chibuto - Mozambique
Nshimirimana Abbas / Chibuto - Mozambique
Ndarusanze Jean Claude / LLB s4a
Tambwe Amissi / Yanga Africans - Tanzanie


Kumenyekanisha

1
Benjamin 4-06-2016 à 16:26

Ndabaramukijemwese,abakunzibumurwiwintambamurugamba,ndabahayepore,ntakundikubonatwocindirwiwacu,ivyovyobigizeumukuruwishirahamweyuburundi,ntakuntuyoshiramugihanoabakinyibarimwo,nkasayido,ivyotwebwebiratubabaza,uwomuntuntacarikoaradufasha,ahubwontanakundanumurwiwuburundi,jewenamugayegose.

2
Donatien 4-06-2016 à 15:05

Ark Mana Fashintamba Ziterimbre

3
Nduwayezu Egide 4-06-2016 à 07:13

Intama Mu Rugamba Zitsinda Ibitsindo3 -1 Ca Senegal Ku Natwe Unomunsi Turabihora

4
KADAGA PETER 3-06-2016 à 15:41

Abobatoza namba barariye ruswa% kuki batotumako BIGIRIMANA GAEL,SAIDO NTIBAZONKIZA,SAIDO BERAHINO ?ngirango ntantsinzi bashaka atari ukudututisha ngo twakinye atabakinyi batumyeko

5
Niyukuri Egide 3-06-2016 à 01:15

Nikuberiki Batatumyeko Saido Berahino,saido Ntibazonkiza,gael Bigirimana na Habarugira David ? Ivyo Uwurongoye Ffb Agira Sivyo Nimba Umukinyi Akosheje Yosazira Mubihano Bidahera ?

6
AKIMANA ALIMACE 2-06-2016 à 15:07

INTAMBA MURUGAMBA NDAZIPFURIJE AMAHIRWE NUMUGISHAWI MANA

7
Pius Sibazuri 1er-06-2016 à 22:48

Intamba Murugamba Big Up Sana. Muzotsi 3_0

8
Nyabenda Egide 1er-06-2016 à 21:12

Intamba Nizigire Umutima Rugabo,abatatumweko Nabo Sibo Bakinyi Bonyene Reka Dupime Nabandi,nibumvira Umumenyereza,bazotsinda.

9
Nyabenda Egide 1er-06-2016 à 21:10

Intamba Nizigire Umutima Rugabo,abatatumweko Nabo Sibo Bakinyi Bonyene Reka Dupime Nabandi,nibumvira Umumenyereza,bazotsinda.

10
NIJIMBERE FIACRE INGOZI 30-05-2016 à 12:39

Ndabipfurije Ibitego 2 -0 senegar (saido%ntibazonkiza)bararaba Bazebamutumeko Ubukurikira

11
HAKIZIMANA RICHARD 29-05-2016 à 08:21

NDAKUNDA INTAMBA AHUBWO NDAZIPFURIJE KO ZOTSINDA VYINSHI.

12
KAKUNZE 25-05-2016 à 08:42

"MOSES" Karashize ingani uzane amoko no mu mupira w’amaguru ?!!

13
Clovis Munezero 24-05-2016 à 16:05

Ni Vyiz Muga Mu Bufarasa Ntaco Bahavuzek Kand Abdel Maleke Yaragiy

14
niyomwungere juliàs 24-05-2016 à 05:34

je ndabipfurije amahirwe, arik amahirwe nimake uriko uriko uraraba neza (saido) atarimwo ntakigenda !! ariko murageraza murabe kuko ntawupfa adasamvye !!

15
niyomwungere juliàs 24-05-2016 à 05:33

je ndabipfurije amahirwe, arik amahirwe nimake uriko uriko uraraba neza (saido) atarimwo ntakigenda !! ariko murageraza murabe kuko ntawupfa adasamvye !!

16
niyomwungere juliàs 24-05-2016 à 05:31

je ndabipfurije amahirwe, arik amahirwe nimake uriko uriko uraraba neza (saido) atarimwo ntakigenda !! ariko murageraza murabe kuko ntawupfa adasamvye !!

17
ndayizeye 22-05-2016 à 21:21

uyo muhutu fuadi mbona hana team mumuhamagarira iki ? arashaje uwonguwo ntaco yobagezaho malaya mkubwa fuadi

18
dos santos musize 22-05-2016 à 06:16

saido waraturatujwe nintwaro !!!

19
niyonkuru jean_paul 21-05-2016 à 10:05

ndababwize ukuri claire yanka equipe national du burundi abantu bameze guco nibisubireho kabisa birakabije abarundi tuzi umupira cane gose nti twigira imbere ariko muzoje muhamagara n,abakinyi biburayi kuko tuzishima kurushaho murakoze cane imana ibazigame nanje sinzowuraba kuko ndi murwanda nzobakurikira ?

20
FERDINAND NDAYIZEYE 20-05-2016 à 23:11

KUBA BAGARUKANYURUKINO IBUJUMBURA BIRANEZEREJE CANE KUKO NKATWEBWE KUVA ICIRAMBO KARUSI UJA MURUMONGE SE GRAVE GAIL BIT ? MBEHO TUZOTSINDA ATA KOCA SHA NATWE TURABOGUSENGERWA UMUPIRAWARASE . ARIKO DIEU EST AVEC NOUS.

1 | 2
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha