Messager Bujumbura yatsinzwe bitatu ku busa

Yanditswe na IGIHE
Kuya 6 Ntwarante 2016 saa 10:24
Yasomwe : 16470
0 0

Umurwi wa Vital’O FC uri mu kibanza ca mbere watsinze Messager Bujumbura ibitsindo bitatu ku busa. Urwo rukino rwabereye i Bujumbura, igihe c’isaha umunani, ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.
Ibitsindo vya Vital’O FC bikaba vyinjijwe na Shasir, Hussein hamwe na Yamin Selemani.
Umusatirizi wa Vital’O, Laudit MAVUGO, ku bitsindo 27, akaba ariwe akiri mu kibanza ca mbere, mu bakinyi bamaze kwinjiza ibitsindo vyinshi. Nahimana Shasir wa Vital’O nyene ari mu kibanza ca kabiri ku (...)

Umurwi wa Vital’O FC uri mu kibanza ca mbere watsinze Messager Bujumbura ibitsindo bitatu ku busa. Urwo rukino rwabereye i Bujumbura, igihe c’isaha umunani, ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Ibitsindo vya Vital’O FC bikaba vyinjijwe na Shasir, Hussein hamwe na Yamin Selemani.

Umusatirizi wa Vital’O, Laudit MAVUGO, ku bitsindo 27, akaba ariwe akiri mu kibanza ca mbere, mu bakinyi bamaze kwinjiza ibitsindo vyinshi. Nahimana Shasir wa Vital’O nyene ari mu kibanza ca kabiri ku bitsindo 14, agakurikirwa na Idrissa Ramadhan wa Messager Bujumbura, akaba afise ibitsindo 12.

Uko imirwi yatsindanye ku munsi ugira 25 (Kuwa gatandatu)

Les Jeunes Athlétiques 0 - 0 Aigle Noir
Muzinga 0 - 0 Buja City
Messager Ngozi 0 - 0 Les Crocos FC
Nyanza United 3 - 0 Olympic Star
Flambeau de l’Est 5 - 1 Les Eléphants

Ku w’Imana

Vital’o 3 - 0 Messager Bujumbura
LLB 2 - 0 Inter Stars
Olympic Muremera 1 - 1Athletico Olympic

Urutonde rw’uko ihiganwa ryifashe

1. Vital’o : Amanota 64 n’ibitsindo 52
2. Messager Ngozi : Amanota 52 n’ibitsindo 21
3. Muzinga FC : Amanota 41 n’ibitsindo 14
4. LLB Sports4Africa : Amanota 38 n’ibitsindo 13
5. Athletico Olympic: Amanota 38 n’ibitsindo 12
6. Aigle Noir : Amanota 36 n’ibitsindo 6
7. Bujumbura City: Amanota 35 n’ibitsindo 8
8. Olympic Star : Amanota 31 n’ibitsindo 3
9. Flambeau de l’Est : Amanota 28
10. Nyanza United : Amanota 28 n’ibitsindo -3
11. Messager Bujumbura : Amanota 28 n’ibitsindo -13
12. Olympic Muremera : Amanota 28 n’ibitsindo - 16
13. Les Crocos : Amanota 23 n’ibitsindo - 10
14. Inter Stars : Amanota 23 n’ibitsindo -14
15. Les Eléphants : Amanota 17 n’ibitsindo -21
16. Les Jeunes Athlétiques : Amanota 15 n’ibitsindo -32


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha